Ijambo rya Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA ku munsi wo kwigina intahe yo kwikukira 2013

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’uburundi,

 

  1. Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yadushikanye kuri uwu musi turamutse duhimbaza imyaka 51 tumaze igihugu cacu kironse intahe y’ukwikukira.
  1. Nkako, hari kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro umwaka w’1962, aho abarundi isinzi bifadikanya n’umuganwa Ludoviko Rwagasore, mu guhimbaza icese intahe y’ukwikukira bari bamaze imyaka
  1. Umusi utwibutsa intahe y’ukwikukira rero, ni umusi w’akanyamuneza kadasanzwe ku barundi bose.
  1. Turipfurije umusi mukuru mwiza abarundi bose baba mu Burundi n’ababa mu mahanga, tutibagiye abanyamahanga baba mu gihugu cacu n’abagenzi b’Uburundi. Muwuhimbaze muzirikana ingene intahe y’ukwikukira twayironse bitoroshe, duheze twigire inama yo kuyibungabunga no kuyitsimbataza
  1. Icivugo c’uwu musi kikaba ari:« Umwaka wa mbere inyuma ya yubile, utubere intango nshasha mu kubungabunga intahe y’ukwikukira n’iragi rya Rwagasore ».                                                        

  Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’Uburundi,

 Kubungabunga intahe y’ukwikukira bisaba kandi bigaragarira muri vyinshi. Reka dushimikire kuri ibi bikurikira:

Ubwa mbere: Gukunda igihugu.

Ibi navyo bisigura ko umwe wese yumva kandi agaragaza akanyamuneza ko kwitwa umurundi, aho agiye hose agahagararira inyungu n’iteka vy’igihugu. Yama yiteze kugikorera no kukirwanira gitewe, vyumvikana ko no kucigura acigura. Gutyo rero uba weretse amakungu ko iyo ntahe twayironse tuyinyotewe kandi ko tutarota iduca mu myanya y’intoke.

Ubwa kabiri: Kwitaho kumenya ivy’igihugu.

Nk’umwenegihugu, ni vyiza kandi ni ngombwa kwitwararika kumenya no gusobanukirwa amateka, amabwirizwa, amategeko igihugu kigenderako, hamwe n’ubwoko bw’inzego zitwara  igihugu. N’izi nazo nyene zibwirizwa kuvyigisha abenegihugu. Ni co gituma ubu hatunganijwe inyigisho zo gukunda igihugu zirimwo ivyo duhejeje kuvuga, integuro ikaba yaraciye mu nama nshikiranganji , mu nama  nshingamateka na nkenguzamateka kugira inonosorwe, yunganirwe yongere yemezwe. Izo nyigisho rero zigiye gutangura.

Ubwa gatatu: Guhayagiza igihugu.

Nkako, umaze kuba ukunda igihugu cawe, ukanezerwa no kwitwa umurundi, uca witaho gusumba ishusho ryiza ry’Uburundi.

Ivyiza biri mu Burundi ni vyinshi ntawobura ico ayaga. Ni vyo, vyose ntivyera ngo de! Ariko, umuntu ntiyoshira imbere kuyaga mu makungu ivyoba bitagenda neza yiyobagije ibiteye igomwe. Kukaba nkako, hari ivyegeranyo bimwe bimwe bisohoka bigaragaza ko hari bamwe mu barundi  bagiye kwibaraguza canke kuvuga nabi igihugu. Ni ho duhora tugwa mu gahundwe twumvise abarundi bamwe bamwe banezerwa no kwumva raporo nk’izo zasohotse, bagasa n’abasasiira.

Ivyo birateye isoni n’agahinda ku bavukagihugu, kuko baba bibagiye ko utema urwiwe bamutiza umuhoro.

Ubwa kane: Kutajana nyabahururu.

Mu vyatumye Uburundi bwacu buja mu kaga, harabayemwo ingeso yo kujana nyabahururu kandi n’ubu ntirahera. Igihuha canke inkuru yo kuremeka inteba ishushe ikaduka, abantu bakajana narwo, inganda bagatikiza, urwanko rukirara. N’ubu hari abakigendera ako kageso, bagacisha ikinyoma ku maradiyo, kigasamirana , abatari bake bakajana nyabahururu, ntibafate akanya ko gutohoza ukuri. Turasavye abakigendera ako kageso ngo bikubite agashi, abajejwe gutanga umuco nabo bawutange bisunze amategeko, nkako, amase ya kera ntahoma urutaro.

Ubwa gatanu: Kwitaho inyungu rusangi.

Iyo umaze kwiyumvamwo igihugu cawe, witaho n’abakivukamwo n’abagisavyemwo indaro. Ico cose kizanira ineza abanyagihugu uragishigikira. Si vyiza rero kurwanya umugambi canke ivyiyumviro vyubaka ngo ni uko bikozwe n’umukeba cane cane muri politike, aho bigaragara ko bamwe bamwe barwanya iki canke kiriya ku kwibaza ko bagishigikiye vyotuma ahava atsinda amatora.

Ivyiza tubibone kandi tubivuge uko biri, ibibi navyo tubinegure kandi tubirwanye uko biri tutaravye ngo ni naka abikoze.

Ubwa gatandatu: Kwitaho iterambere.

Nkuko ibwirizwa nshingiro ribiduhamagarira mu ngingo yaryo ya 74, umurundi wese ategerezwa gukora kugira twubake igihugu cacu kandi tugiteze imbere.

Turahimbawe n-uko abarundi benshi bari ku kivi na cane cane ingene bitaho ibikorwa rusangi. Ivyo navyo bikaba vyatumye iterambere rusangi ryiyongera mu mwanya muto. Nkako, nkuko twabishikirije kandi bigaragara, kuva mu mwaka w’  2007 gushika ubu, ni  ukuvuga mu myaka 6 gusa, twashoboye kwiyubakira amashure mato mato n’ayisumbuye arenga 2.800, amakaminuza, tutibagiye amavuriro, ibitaro, ibiro vy’indongozi z’ubuzi, haba mu ndero canke mu ntwaro, n’ahandi, ibibuga vy’inkino, ibigwati, inyubakwa z’amakoraniro, amazi meza, imirima ya kijambere n’ibindi. Biragaragara rero ko mu bumwe twarazwe na Rwagasore, dushoboye.

Ariko rero, turanegura cane ibinebwe vyishinga amarigara, bigaca birara ku mugono abiriwe ku kivi. Dusavye abajejwe intwaro, abajejwe umutekano, abajejwe ubutungane n’abanyagihugu ngo musubire kwongereza ishaka mu kurwanya amarigara.

Turakebuye kandi n’abatitaba ibikorwa rusangi ngo bikebuke, kuko atari ico bikiza ataco vyonona.

Ubw’indwi:  Kwitaho kazoza kacu n’abadukomokako.

Aha twashaka gushimikira cane ku gukingira ibidukikije kugira ejo no mu myaka iza tugume turonka umuyaga mwiza wo guhema, amazi, isi igumane akanovera, turonke imvura n’izuba vyiza kandi ku bihe vyiza, tugumane amafi n’ibindi bikoko, ibiti n’ubwatsi. Tuvyare rero abo dushobora kurera no kuramura, bisigura kugabanya imvyaro, tuvyare abashobora kuronka aho baba neza.

Turasavye dushimitse kandi guhagurukira  gukingira ibidukikije, dutere kandi tubungabunge amashamba cimeza n’ibitara vya Leta, turwanye twivuye inyuma umuriro wa Nyakanga, kurima no guhiga mu mashamba cimeza, kuyimbamwo ubutare n’ibindi, twirinde no gutema ibiti dukuzako.

Ubw’umunani: Kubungabunga umutekano w’abanyagihugu n’inzego.

Turashima ko duhimbaje uyu musi mukuru igihugu gitekanye. Ibi bisigura ko abanyagihugu bategereye neza ikiruta ikindi. Kira noneho duheruka gutunganya umugambi wo gutsimbataza umutekano mu bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu aho twerekana uruhara rw’umwe umwe wese. Ivyo bizodufasha gukuraho ka kageso ko kwigira sindabibazwa canke ko umutekano woba uraba gusa ibisa n’indwano.

Twiteze kandi ko umutekano uzokomera naburya twatanguje igitabo candikwamwo ibibera ku mutumba, n’umukuru wawo akaba yararonkejwe telefone ngendanwa n’uburyo bwo gutelefona inzego bakorana.

Turanezerewe kandi kubona ko abarundi twikubise agashi mu gusonera ivyo abenegihugu baba bashinze biciye mu matora. Kukaba nkako, inzego zirongoye igihugu ziriko zirakora zitekanye kandi zasubiriye izahahora biciye mu matora. Ni intambwe ikomeye mu kubungabunga intahe y’ukwikukira.

Ubw’icenda: Kwubahiriza ibiranga igihugu cacu, cane cane ibendera ry’igihugu, ururirimbo ruhayagiza igihugu, imico kama n’akaranga vyiza vy’abarundi.

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z,Uburundi,

 Kubungabunga intahe y’ukwikukira bidusaba kumenya n’ukwemanga kahise k’igihugu cacu, ibibi tukabisezerera, ivyiza vyaranze igihugu tukabikomeza.

Nkuko mubizi twariyemeje gushiraho umurwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira.

Integuro y’ibwirizwa rizowugenga ubu iri mu nama nshingamateka na nkenguzamateka, kandi imyiteguro yo kuryiga, kuryunganira no kuryemeza iteye ku ntambwe ishimishije. Ngo:” Uwitonze amira ibinoze”, reka turindirane iteka ico gikorwa kiriko kiratunganywa n’abo twitoreye.

  1. Ariko rero kurondera ukuri ku vyabaye no kunywanisha abarundi ntibirindira gusa uwo mugwi. Kukaba nkako, hari amashirahamwe menshi yigenga n’amashengero ariko arafasha aba na bariya kuvugana ukuri ku vyabaye, gusabana imbabazi no gusubiza hamwe.
  1. Ku bijanye n’ivyasahuwe canke vyanyazwe abantu kubera urwimo cane cane rw’1972, Umurwi CNTB ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo uriko urabikora kandi turashima intambwe ugezeko mu gusubiza mu vyabo ababinyazwe.

Barundi, Barundikazi,

 Ncuti z’Uburundi,

 Turakengurukiye abitavye inama yo ku wa 24 Ruheshi uyu mwaka ku ntererano zabo, kuko zizofasha Leta mu guhinyanyura amabwirizwa agenga umugwi CNTB, kugira ushobore gukora neza kurusha.

  1. Turashimiye kandi abemera kwumvikana n’abubahiriza ingingo nziza z’uwo mugwi. Tukaba rero tuneguye kandi dutera ivyatsi abo bose bashaka kwitwaza ikibazo c’amoko mu kurwanya ibikorwa vya CNTB, tubamenyeshe ko bihenda, kuko iyo ngendo twaramaze kuyihinyura.

 

  1. Turakebuye kandi n’abaja kwita mu vyo batazi n’ababuhura ngo batere akajagari. Bamenye ko ata kinya, uwuzobikora azohanwa. Aba mbere baramaze kubibona. Nta bibazo bitorerwa inyishu no kuja mw’ibarabara, ahubwo bemere kuja inama n’ingingo no kwitura inzego.
  1. Twagira dushime intambwe turiko y’ibiganiro vy’abanyepolitke, dukengurukira cane abo twateye akamo iyo bari mu mahanga bagatahuka kandi bakaba babayeho mu mahoro no mu mwidegemvyo. Turateye akamo bake bagisigaye inyuma, nabo nyene baze nimba babishaka. Ahacu, tugiye gukomeza kurusha iyo ngendo, tuje inama n’ingingo twubakire hamwe igihugu catwibarutse.
  1. Nkuko mubizi, si abanyepolitike gusa bafise aho bavugira. Uretse ko hari inzego z’igihugu ziserukira abanyagihugu nk’inama yo ku mutumba, inama ya komine, inama nshingamateka, Inama nkenguzamateka, hari n’izindi nzego ziserukira imigwi imwe imwe y’abanyagihugu kugira ngo ziharanire inyungu zabo. Aha twovuga nk,’ihuriro ry’abana, ihuriro ry’urwaruka, ihuriro ry’abakenyezi. Ahacu, turakeje abatowe ngo barongore ayo mahuriro kkandi tuzokwakirana urweze intererano zabo.
  1. Reka dukengurukire cane abagenzi b’igihugu cacu bama badufashe mu mugongo. Dukengurukiye cane ibihugu n’amashirahamwe mpuzamakungu yemeye kudushigikira muri ya nama yabera i Geneve mu Buswisi.

Dushime cane cane kubona ivyo biyemeje bariko barabishira       mu ngiro. Nkako, ku mfashanyo bari bemereyeho ishika ku        miliyaridi 2 n’imiriyoni 677 z’amafaranga y’amanyaburaya,   baheruka kuyongerako aya BAD, ONU Sida, ubushimwe batari     bavuze, gurtyo tukaba adushitse ku miliyaldi 2 n’imiriyoni 859 z’amafaranga y’abanyaburaya.

Turavye amasezerano yo kuyasohora tumaze kugiriranira n’abatari bake, tumaze gushika ku muliyaridi umwe n’imiriyoni 200 z’amafaranga y’ abanyaburaya.

Turavye rero, dushitse ku bice 43% mu mezi indwi gusa nayo yemewe ku myaka ine. Ni intambwe ishimishije.

  1. Turabakengurukiye cane, kuko badushigikiye mu gutsimbataza intahe y’ukwikukira. Natwe twiyemeje kuzoyakoresha neza kandi ku neza y’abanyagihugu. Ni co gituma dusavye abanyagihugu bose cane cane inzego z’gihugu ngo turikanure, dushire mu ngiro tudakebaguzwa wa mugambi wa Leta w’intwaro ibereye (SNBGLC), gurtyo ivyo twiyemeje vyo kutihanganira na gato abarya n’abatanga ibiturire n’abasesagura ubutunzi bw’igihugu birushirize kuja mu ngiro.
  1. Imbere yo kurangiza, twashaka gukebura ubwa nyuma abihaye kugira amayegereyegere nk’umwuga. Nibamenye ko abazoyakora adakwrikije amategeko, tutazosubira kubihanganira, tuzoca dufata ingingo yo kubasubiriza, naburya abashaka akazi ari benshi, kandi bigaragara ko hamwe hamwe haba hari ibinyegeje inyuma y’izo yegereyegere.

Ariko ibibazo vyo, tuzoguma tuvyicarira, tubitorere inyishu tuja nama n’ingingo, tutiyobagije ibihe bigoye Uburundi mn’amakungu birimwo mu vy’ubutunzi. Ntituzokwemera rero ubuki tutegeka. yo kuyasohora

Turangije tumenyesha abanyagihughu ko hagiye kuza haratunganywa umusi mukuru wa Komine, kugira ababa n’abavuka mw’ikomime, bahure, bayage, bashime canke bagaye banegure ivyaranguwe, gutyo bigire inama y’ico bagiye kukora. Ivyo bizotuma abantu basubira kwibukana, bibuke ico bamariraniye, urukundo rukomere, maze have ca kinogo catandukanya abize n’abatize.

Ikindi naco, ni uko imisi mikuru nk’uwo kwikukira igiye kwama nayo nyene ihimbarizwa mu makomine, gurtyo ironke akanovera.

  1. Nkuko twabigize ingendo nshasha, mu guhimbaza umusi mukuru w’ukwikukira tuzohora twinjira ibikorwa bishasha vyaranguwe, n’uyu mwaka ni uko. Tuzomara ukwezi kw’indwi n’ukw’umunani muri ico gikorwa mu kwinjira no gutanguza ivyaranguwe muri uwu mwaka wa mbere w’inyuma ya yubile. Ivyo navyo bikaba bingana n’amashure………, amavuriro….., ibibuga… imirima………
  2. Dukeze kandi abarundi bamaze igihe batera iteka igihugu cacu mu kuronka ubushimwe n’ibibanaza vya mbarea kw’isi, haba mu bikorwa barangurira i Burundi canke mu mahiganwa mpuzamakungu. Tugiye gutangura mbere kuraba ukuntu abatera iteka igihugu baza baritirwa ibintu nk’ibarabara bakiriho, ntiturindire ko babanza kwitaba Imana.
  1. Dusozereye dukengurukira abashitsi bahire baje kudufasha guhimbaza uyu musi mukuru, na cane cane abaserukira ibihugu vyabo n’amashirahamwe mpuzamakungu aha iwacu, baba abahaba n’ababa mu bindi bihugu, kuko basidukanye n’iyonka mu kuza kudushigikira.
  1. Turasubiriye rero kwipfuriza umusi mukuru mwiza abanyagihugu mwese, muwuhimbaze mwumva ko ari twebwe dutegerezwa gutunganya ivy’igihugu cacu, mwibuka n’icivugo c’uyu musi ngo:” Umwaka wa mbere inyuma ya yubile, utubere intango nshasha mu kubungabunga intahe y’ukwikukira n’iragi rya Rwagasore” 

Niharambe ukwikukira kw’Uburundi n’abarundi,

 Imana ibahezagire,

 Umusi  mukuru mwiza mwese.