IJAMBO NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU ASHIKIRIJE ABARUNDI ABIPFURIZA UMWAKA MUSHASHA W’2016

 

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,

1. Turasozereye umwaka w’2015. Dutanguye umwaka mushasha w’2016 dufise umunezero wo kuwurangiza neza, turi mu mahoro, umutekano n’akanyamuneza kenshi. Turashimiye Imana Mushoboravyose kuba yagumye hafi Uburundi n’Abarundi, tukayisaba kubandanya ituja imbere. Niyame ihabwa icubahiro kiyibereye.

2. Turipfurije Abarundi bose n’abanyamahanga baba mu gihugu cacu umwaka mwiza w’amahoro, umugisha n’ubumwe buva ku Mana Mushoboravyose, umwaka wo gutsimbataza demokarasi n’intahe y’ukwikukira twaronse, bikaba navyo bizodushíkana kw’iterambere rirama.

3. Kukaba nkako, uyu mwaka mushasha w’2016 dutanguye uzorangwa ahanini n’ugukomeza ingendo nziza twarazwe n’abasokuru yo kwama na ntaryo dushira imbere ukuja inama n’ingingo, ibiraba igihugu tukabitunganya twisunze ineza ya bose.

4. Ni navyo vyatumye dushigikira icivugo c’uyu mwaka ngo : ”DUSHIRE IMBERE INEZA Y’IGIHUGU CACU, TUGANIRE ATA N’UMWE AKUMIRIWE“.

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’uburundi,

5. Igihe twahimbaza yubile y’imyaka 50 Uburundi bwari bumaze bushikiriye intahe y’ukwikukira, twasezeranye icese ko dutanguye isemo nshasha, yo kwama dushira imbere ineza y’igihugu mu vyo dukora vyose, no kwama tuganira ivyerekeye ubuzima bw’igihugu mu bisata vyose.

6. Uko kuja inama n’ingingo rero si bishasha, Abarundi bamye baganira kuva kera, umuti w’ivyo tudahurizako tukawutorera hamwe. Nitureme, ibiyago ni ivyabarundi.

7. Akarangamutima k’ubumwe n’ubutwari twamanye, nta n’umwe twokwemerera ngo abizimanganye turorera, maze bigende amazimayongo. Haba namba ! Nitwame twibuka ko twikukiye túbikwīye, ko twigenga kandi ko ari twebwe tubazwa ivy’igihugu cacu.

8. None rero, uko umwaka utashe, dutegerezwa twebwe nyene kuraba ico twamaze n’ico twahinduye kiboneka, mbere dushobora no guhaya mu makungu.

Ivyaranguwe uno mwaka ntitwobigarukako vyose, Abashikiranganji baramaze kubishikiriza ido n’ido. Ariko twokwibukanya ibikorwa vyiza kandi bihambaye vyaranze uyu mwaka dusozereye :

-  Amatora yarateguwe, agenda neza kuva mu ntango gushika arangire, aba ku mugaragaro atawukumiriwe, kandi mu mutekano ntangere ;

-  Inzego z’igihugu zitorewe n’abenegihugu zarashinzwe kandi ziriko zirakora ;

-  Umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu urakora neza ivyo ushinzwe.

-  Leta yarabandanije ishira mu ngiro wa mugambi wo kurwanya ubukene ugira kabiri (CSLP II). Muri uno mwaka, haratanzwe imitsinda y’ibitoki, ibikotikoti birinda indwara ya mozayike, umwavu w’ikizungu, hongera haratangwa inka, ingurube, impene nyinshi za kijambere mu gihugu cose n’ibindi. Uyu mwaka utanguye, Tuzobandaniriza aho tugeze.

-  Turakeje amakomine 10 yabaye ayambere mu Burundi mu kurangura ibikorwa vy’iterambere aho tumaze imyaka 53 duhimbaje intahe y’ukwikukira : 1.Mwumba, 2.Makamba, 3.Matongo, 4.Musigati, 5.Gitaramuka, 6.Mutumba, 7.Ntahangwa, 8.Kabarore, 9.Gahombo na 10.Gatara. Nibakomere ku muheto, babere abandi akarorero, kandi Tuzobaronsa n’udushimwe.

-  Twarabandanije kandi kurungika ingabo zacu guhagararira amahoro n’umutekano mu bihugu vya Somaliya, CentrAfrika, Côte d’Ivoire, Sudani na Haïti, kandi tuzobibandanya n’ahandi bobidusaba, ariko biciye mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU canke mw’Ishirahamwe rya Afrika.

9. Haba aha iwacu rero canke muri ivyo bihugu vya kure, Abarundi barakoze birashimwa, ariko hari n’abahasize ubuzima.

Tuboneyeho akaryo ko guhoza abo bose baburiye ababo ku rugamba. Twifatanije kandi n’ababuze bose, tukaba dusangiye umubabaro n’imiryango y’abajejwe umutekano n’abandi bose bagiye barabura ababo kubera ibikorwa vy’ubwicanyi n’iterabwoba tumaze imisi tubona.

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’uburundi,

10. Ntawobideha, mu gihugu cacu haribonekeje ibikorwa bigayitse, cane cane muri uyu mwaka turangije. Aha twovuga nk’ibi :

-  Imigumuko yabaye mu makaratiye amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura ;

-  Ubuzi bwaciye bugoyagoya mu gisagara ca Bujumbura kubera imigumuko, ubwicanyi n’ibikorwa vy’iterabwoba vyadutse mu makaratiye yabereyemwo iyo migumuko.

-  Ibitero muri komine Bukinanyana mu ntara ya Cibitoke, Kabarore mu ntara ya Kayanza na Giteranyi mu ntara ya Muyinga ;
-  Imirwi yafashwe iriko yitegurira kudurumbanya igihugu mu ntara za Gitega, Mwaro na Bururi.

-  Ibitero vy’ubwihevyi biherutse kuba muri uku kwezi nyene ku makambi 3 y’igisirikare mu gisagara ca Bujumbura n’iyindi yo muri Komine Mugongo-Manga ;

-  Ugushaka gusenyura inzego zitorewe n’abenegihugu, ivyo vyose bikagenda bihitana ubuzima bw’abantu ;

-  Abanyagihugu baciye bahungira mu makaratiye yarimwo umutekano mu gisagara ca Bujumbura, hagati mu gihugu canke mu bindi bihugu na cane cane mu bihugu duhana imbibe ;

-  Ntitworeka kuvuga n’imvura y’umurengera yatumye haba imyuzurira, imisozi igasiduka, amazu, imirima n’amabarabara bikononekara.

11. Haribonekeje kandi ubwicanyi n’ubusuma vyakorwa n’imirwi yitwaje ibirwanisho, eka n’ubundi bugizi bwa nabi bwava ku matati y’amatongo, akaborerwe, ukunywa ibiyayuramutwe, ukwihorahorana, n’ibindi.
Ivyo bibi vyose Abarundi tukaba twarabiteye ivyatsi, mbere n’amakungu.

12. Kubera ugukorana neza hagati y’abanyagihugu, abajejwe umutekano, inzego z’ubutungane n’abajejwe intwaro, abenshi mu bagerageje guhungabanya umutekano no gukora ishano bakoresheje ibigwanisho baratawe muri yompi, bashikirizwa inzego zijejwe ubutungane, abandi bahasiga ubuzima.

13. Ibirwanisho bitari bike vy’ubwoko butandukanye vyarafashwe, inkozi z’ikibi zirenga 6.000 zirafatwa zirashikirizwa ubutungane, n’imirwi y’abicanyi ishika kw’ 120 irasamburwa. Amahoro n’umutekano bikaba rero birangwa mu gihugu cose, kiretse intumva.

14. Dusavye zina muntu wese ngo agume arikanuye na cane cane muri iyi misi mikuru yo mu mpera z’umwaka. Ya makomite y’umutekano ahurikiyemwo bose nayo asabwe gufasha muri ico gikorwa.

15. Dusavye kandi indongozi z’inzego z’umutekano n’izo kwivuna abansi ngo zibandanye zironsa inyigisho, ubumenyi n’ubuhinga bwinshi abo zirongoye, bose bakomeze discipline, mbere bibaye ngombwa no guhana bahane uwo wese vyogaragara ko afise agatima ko gutitura akaranga n’akarangamutima k’izo nzego.

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,

16. Muri uyu mwaka dutanguye w’ 2016, Leta yarategekanije kurangura imirimo yayo kugira igihugu kibandanye cisununura mw’iterambere. Twagira duce ku mayange bimwe bimwe :

-  Tuzobandanya ibiyago no kuja inama n’ingingo bihuza Abarundi bose, kandi tukaba dufise intumbero yo kubirangiza kugira ivyitwazo vyose vy’abadashaka amahoro biveho, biciye muri wa mugwi ubijejwe uherutse kujaho.

-  Umurwi wo kumenya ukuri, kurekuriranira no kunywanisha Abarundi uzobandanya imirimo yawo.

-  Tuzobandanya inyigisho zo gukunda, gukundisha igihugu no kubana mu mahoro cane cane mu rwaruka, twongere dukangurire abenegihugu guhurumbira ibikorwa vy’iterambere ryabo.

-  Tuzobandanya gutunganya gusumba urwego rw’ubutungane, ariko bwame bukorera ku gitsure c’amategeko.

-  Tuzobandanya guhuza amategeko ariho n’ibihe tugezemwo, twubahirize ibitigiri vy’ubwoko mu buzi bwose, twisunze Ibwirizwa Shingiro, Amasezerano y’Amahoro y’i Arusha n’ayo guhagarika intambara burundu.

-  Tuzokwirikiranira hafi gusumba ibikorwa vy’amashirahamwe yigenga, tuyakebure bikenewe, kugira akore akwirikije amategeko ayagenga, anonosowe gusumba uko biri ubu kugira akajagari kibonekeje kahave.

-  Tuzokomeza ubushakashatsi mu vyerekeye ubutare, ibitoro, n’irindi tunga riri mu gataka k’Uburundi, kuko ivyo bisata bitaratera imbere cane, kandi biri mu vyambere vyodufasha rwose mw’iterambere rirama turondera mu gihugu cacu.

-  Tugiye kwitaho ibikorwa rusangi gusumba, tubandanye kwubaka amashure, amavuriro, ibitaro, amavomo, ibibuga vy’inkino, ibiro vy’indongozi, n’ibindi.

-  Umugambi twatanguye wo kuvura ku buntu abana bari munsi y’imyaka itanu n’abavyeyi bibungenze bibarukiye mu bitaro no mu mavuriro vya Leta warabandanije kandi ukazobandanya muri uyu mwaka dutanguye.

-  Tuzobandanya kandi ibikorwa bifasha gukinga indwara, nko gukwiragiza amazi meza, gucandagisha abana, gutanga imisegetera, kubandanya inyigisho zirwanya SIDA no gutanga imiti ku bamaze kwandura.

-  Mu ntumbero yo kworohereza abadandaza n’abaguzi, ibarabara (RN 15) rihuza Gitega na Nyangungu ririko riraherahezwa, ibarabara (RN 3) rihuza Mugina na Nyanza-Lac riciye i Mabanda ririko rirakorwa,

-  ibarabara(RN 4) riva kuri Chanic rigashika ku rubibe duhana na Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo ririko rirakorwa kandi rikazorangira mu ntango z’uyu mwaka buca dutangura w’ 2016 ; naryo ibarabara (RN 13) riva i Makebuko rigashika i Butaganzwa n’ibarabara (RN 18) riva Nyakararo rigashika mu Kibumbu riciye i Mwaro agiye gukorwa vuba.

 Abakozi ba Leta borema, ntibakwirikize ibivugwa n’abangushi ngo imishahara ntizoguma iboneka, tukabasaba gusa kuguma ku kivi no kuburizamwo abashaka kurya ibiturire no kudurumbanya umutekano w’aho babaye. Nta nzu iriko irasha, incuti n’abagenzi b’Uburundi baguma biyongera, kandi turakomeza gufashanya n’amakungu, kuko ibihugu vyinshi biramaze gutegera ko turi magiriranire.

17. Muri uyu mwaka w’ 2016, ibijanye n’amahera Leta izokoresha bizoshimikira ku kwongerereza uburyo Ikigo OBR kugirango amahera gitoza ashobore kwiyongera. Tuboneyeho akaryo ko gukeza ico kigo OBR, kuko barengeje amafaranga yababa imiliyaridi 9 ku yo bari biteze muri uku kwezi kwa Kigarama turangije.

18. Mu ntumbero yo kwongereza urugero rw’amahera yinjira muri Leta, Ikigo OBR kizokomeza kurwanya urudandaza rwo mu kinyegero n’ubusuma mu makori canke amatagisi kibifashijwemwo n’abajejwe intwaro, hamwe n’abajejwe umutekano ku mipaka, kurihisha ibirarane, kuraba neza ibijanye no gukurwako amakori, kwinjiza abandi bakozi mu Kigo OBR, be no kugira amasekeza yo kwigisha abantu akamaro ko kuriha amakori.

19. Kugirango amahera ya Leta akoreshwe neza, ayasohoka yose azoca kuri konte imwe ; n’amafaranga Leta ikoresha ubwayo abwirizwa guca kw’ikonte imwe iri mw’Ibanki Nkuru y’Igihugu BRB.

20. Umugambi wo kugabanya biboneka imiduga ya Leta uzosubirwamwo neza, kugira ngo worohe gushira mu ngiro.

21. Mu ntumbero yo gushira mu ngiro wa mugambi wo kwegereza ubutegetsi abenegihugu, Leta izoronsa ikomine imwimwe amahera angana imiliyoni 500 kugira imigambi y’iterambere yateguwe n’amakomine ishobore kurangurwa.

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi,

22. Imbere yo kurangiza, twashaka kumenyesha Abarundi n’amakungu ko dushigikiye ubwigenge bw’amasamirizi n’ibinyamakuru. Turasavye inzego z‘ubutungane ngo zihutishe amatohoza ku vyabaye, abera bere, abagiriwe n’amakosa nabo bahanwe hisunzwe amategeko. Ibimenyeshamakuru vyambitswe izera n’ubutungane bizoca bisubira gukora, ariko bibanze kwiyemeza ko bizosonera Ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi n‘amategeko abigenga bwite.

23. Ku bitwerekeye, ntaco tutazokora mu gufata mu mugongo ibinyamakuru, kuko tuzi neza yuko uruhara rwavyo ari ntangere mu buzima bw’igihugu.

24. Kugira bize bitworohere gushikira ihangiro ry’amahoro, umutekano n’iterambere twiyemeje, ngizi impanuro tubashikirije, namwe muzifate nkama :

 Inzego zijejwe umutekano zisabwe kubandanya no kunyarutsa igikorwa co gukura ibirwanisho mu banyagihugu babitunze batabifitiye uruhusha, maze umutekano utsimbatare mu gihugu cose no kuri bose.

 Inyandiko zityoza igihugu c’Uburundi zikongera zigacanishamwo Abarundi, biciye mu buhinga bwa none ziguma zigwira. Turasavye rero Abarundi bose bakorane n’Inzego z’Umutekano, z’ubutungane, ugwego rujejwe gukurikirana amakuru (CNC) hamwe n’urwo kugenzura amakuru (ARCT) mu gikorwa c’ukurwanya ubwo bugizi bwa nabi bita « cybercriminalité » mu kinyamazuru.

 Dusavye ko inzego zijejwe umutekano no kwivuna abansi zifasha mu gukomeza inyabune, kwa kwunganiranira hagati y’abajejwe umutekano, intwaro, Ubutungane n’abanyagihugu, maze igikorwa co gutsimbataza umutekano ntikigire uwo kivuna.

 Dusavye inzego zijejwe kurwanya abarya n’abatanga ibiturire gukorana neza kandi n’ubwira bwinshi kugira ngo dutuze iyo ngeso mbi mu Burundi.
 Dusavye Abarundi mwese ngo muze tugire urunani rw’intamenwa, turwanye urudandazwa rutemewe n’amategeko kugira ikigega c’igihugu kibomboke, imigambi Leta yabemereye iranguke ku bwinshi.

 Duhamagariye Abarundi bose kwitwararika gukingira no kubungabunga ibidukikije. Buri komine izotera n’imiburiburi hegitari 50 z’ibiti kandi zikingirwe. Uwufise itongo nafate iyambere mu gutera ibiti no kubikingira.

 Turasavye abavyeyi kwitwararika gusumba indero n’inyifato y’abana babo, na cane cane mu gisagara ca Bujumbura no mu Ntara kama zo Mumirwa na Mugamba.

 Abarongoye amadini n’amashengero, tubatumiriye kwitwararika kwigisha ijambo ry’Imana n’inyifato zijanye nazo, tudasize inyuma iterambere rusangi ryaho bariko barakorera.

 Abakiri mu buhungiro, baba abakera canke aba vuba, Tubasavye ngo batahe mu gihugu c’amavukiro, bacubake, bongere baterere mu biganiro vy’Abarundi bose biriko biraba, maze tuganire ata n’umwe avuyemwo, dushire imbere ineza y’igihugu cacu.

 Turasubiriye gutera akamo urwaruka rwize n’urutize, ngo ntirusubire guhendwa rubona, rukica kazoza karwo ; nirubwirwe rwumve kandi rukwirikize impanuro ruhabwa n’abarukurira n‘abavyeyi.

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’uburundi,

25. Mu kurangiza, twashaka gushimira abo bose bitanze batiziganya mu guterera agacumu k’ubumwe mw’irangurwa ry’imigambi y’igihugu, tugashimira cane amakungu ku ntererano yayo mu vy’umutekano no mu gushigikira intwaro ya demokarasi.
26. Twashaka gusubira gushimira inzego z’umutekano n’abo bose bagize uruhara kugira amatora agende neza, n’ivyayavuyemwo bikemerwa, kuko bafashije cane gukingira demokarasi yari igeramiwe n’abashaka ko amatora ataba.

27. Turashimiye cane Abarundi berekanye umutima rugabo muri ico gihe havugwa menshi, bakaguma ku mirimo babungabunga amahoro n’umutekano, bakima amatwi basesankuyoze bashaka kubakwegera mu migumuko n’ibihuha vy‘ababahamagarira guhunga igihugu cabo.

28. Turasubiriye kumenyesha Abarundi n’amakungu ko ata bikorwa vy’ubwicanyi canke vy’ihonyabwoko biriko birategurwa na Leta y’Uburundi kandi turasubiye kuremesha Abarundi n’amakungu : Nta honyabwoko rizoba mu Burundi .

29. Turasubiriye rero kwipfuriza Abarundi n’ababa mu Burundi bose umwaka mushasha mwiza w’2016, uze ubabere umwaka w’amahoro n’imigisha biva ku Mana Mushoboravyose, umwaka wo gusenyera ku mugozi umwe no kugira urunani rw’intamenwa. Muwuhimbaze mubandanya akanyamuneza ka Noweli, kandi muze muwuronkemwo ivyiza vyose mwipfuza n’ivyo mwipfuriza igihugu cacu dukunda cane.

30. Mwame muvyibuka, Nta wundi muntu azoza akunda Uburundi gusumba Abarundi benebwo, n’Imana mushoboravyose yaburemye, ata numwe igishije inama.

31. Dusozereye iri jambo dutangaza icese yuko dutanze ikigongwe ku bapfunzwe bose bamaze gukatirwa, kiretse abó amategeko atabirekurira. Nabo ni nk’aba : abăgīriwe n’icaha co (1) gufata abigeme canke abakenyezi ku nguvu, (2) kwibisha ibirwanisho canke bari mu migwi y’inkozi z‘ikibi, (3) ugutunga ibirwanisho batarekuriwe n‘amategeko, (4) uguhungabanya umutekano w’igihugu.

32. Dukomeze akarangamutima n’imico myiza vyamye bituranga, kuko ari vyo n’ubu bizodufasha gutsimbataza amahoro n’umutekano, intahe y’ukwikukira na demokarasi nyakuri. Dutangarije Uburundi n’amakungu ko imbere ari heza. Umwaka w‘ 2016 ni intango nshasha kandi nziza ku Burundi bwacu. Imana yo mw’ijuru ni yo cabona

Tubandanye GUSHIRA IMBERE INEZA Y’IGIHUGU CACU, TUGANIRE ATA N’UMWE AKUMIRIWE.Burundi Bwacu, Imana yakuduhaye ikudutungire.

IMANA IHEZAGIRE UBURUNDI N’ABARUNDI, MURAKOZE.