IJAMBO RISHIKIRIJWE N’UMUKURU W’IGIHUGU MU KWIBUKA IMYAKA 25 IRANGIYE ABARUNDI BEMEJE AMASEZERANO Y’UBUMWE BWABO

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi ;

1. Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yadushikanye kuri uno musi, ahó turamútse duhimbaza imyaka 25 tumaze twiyemereje Amasezerano y’Ubumwe bwacu.

2. Nkako, kuva kw’igenekerezo rya 5 Ruhuhuma umwaka w’ 1991, imyaka 25 irarangiye. Twibuke ko Abarundi twiyemereje ata gahato kubana mu bumwe n’amahoro, tukagaruka kw’iragi ryiza rya ba sokuru na ba sokuruza.

3. Turipfurije rero Abarundi bose n’ababa mu Burundi umusi mukuru mwiza w’Ubumwe bw’Abarundi. Tugire Ubumwe nyabumwe, ubumwe atari agahemo, ubumwe buvuye ku mutima, ubumwe atari uruhendo canke ubwomekerano, ubumwe bugaragarira mu bikorwa, ugukunda igihugu, ugukundana no gutabarana.

4. Uyu musi w’isabukuru rigira 25 ry’Ubumwe bw’Abarundi, tuwuhimbaje twisunze icivugo c’uku kwezi kwa kabiri kivuga kiti :
« UBUMWE NI ISOKO RY’IVYIZA VYOSE ».

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi ;

5. Duhimbaje uyu musi mukuru w’ubumwe mu gihe Abarundi baherutse gushikirizwa indongozi bitoreye ubwabo, twisunze Ibwirizwa Shingiro ry’igihugu cacu, Amasezerano ya Arusha, n’ayo guhagarika intambara burundu izo nzego zose zikaba zihurikiyemwo abagabo n’abapfasoni bakomoka mu bwoko bwose, mu ntara zose, mu migambwe myinshi no mu madini yose.

6. Umusi mukuru w’Ubumwe bw’Abarundi tuwuhimbaje kandi mu gihe hagati mu gihugu hariko haba ibiyago bihuza Abarundi bose, ngo baje inama n’ingingo bibera ku bibazo vya politike, imibano, iterambere, ibijanye n’amahoro n’umutekano, ibijanye n’Ibwirizwa Shingiro, Amasezerano ya Arusha, ayo guhagarika intambara burundu, n’ibindi, kugira ngo vyicarirwe kandi bitorerwe inyishu zirama, gutyo ubumwe burushirizeho gukomera no gutsimbatara.

7. No hanze y’igihugu nyene, ibiyago bihuza Abarundi vyaratanguye, kandi bizobandanya, kuko ingendo yo kuja inama n’ingingo ari yo na ntaryo twamye dushira imbere, na kare barayamaze bati : « Ibigiye inama, bigira Imana ». Nico gituma Leta atako itazokora kugirango itunganywa ry’ivyo biganiro rishimishe abarundi bose, aho bari hose.

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi ;

8. Turasubiye gukeza abo bose bagize uruhara mu gutsimbataza ubumwe bw’Abarundi, duhereye ku waharaniye kuruta abandi ukwikukira kw’Uburundi, Umuganwa atari umugani Ludoviko Rwagasore n’abamufashije, akaba yarazwa ishinga n’uko Abarundi bokwama bashize hamwe, basenyera ku mugozi umwe mu bumwe, akaba yarerekanye mu ngiro yuko ubumwe bushigikiwe n’ibikorwa ari bwo bushikana ku majambere arama.

9. Ni akaryo kandi ko kwibuka incungu ya Demokarasi, Nyenicubahiro Melchior NDADAYE, kuko mu bihe turimwo, Ubumwe bumeze nk’irindi jambo rivuga « Intwaro rusangi », nayo ikaba isaba yuko abantu bose baja hamwe mu budasa bwabo, bagasangira vyose uhereye ku bikorwa, mu butegetsi, mu ntwaro, mu mashirahamwe no mu migambwe, maze ikazirana no kwikumira canke gukumira abandi.

10. Twame rero twibuka ko ubumwe bw’Abarundi ari iragi twarazwe n’abasokuru, tugategerezwa kuribungabunga kugira ngo tuzorirage abana bacu, nabo baze barirage uruvyaro rwabo.

11. Twibuke ko mu gihe Rumaliza n’ingabo ziwe batera Uburundi bitwaje ibirwanisho bicira umuriro, barataye baromoka kuko basanze Abarundi bagavye. Naho bari bitwaje amacumu, imyampi n’imiheto gusa, Abarundi bari bitwaje kandi inkinzo ihetá zose yitwa Ubumwe. Abarundi baragize urunani rw’intamenwa barashigikira Umwami Mwezi Gisabo n’ingabo zari zihasanzwe, barikora mu kwaha bivuna umwansi, nawe araburanirwa.

12. No mu kwikurako bakavamahanga baducura bufuni na buhoro vyagenze nkuko. Muti gute ? Intwaro y’Abakoroni yaranzwe n’ukubiba umugera w’amacakubiri muri beneburundi, agakengerwe, ukutagira ijambo mu gihugu cawe, ihonyangwa ry’agateka ka zinamuntu izuba riva atacamira, ugucura bufuni na buhoro beneburundi, abavyeyi bagakubitirwa ibimoko imbere y’abana babo baryamye hasi bambaye ubusa, barira atawe bayaha, isahurwa ry’ubutunzi bw’igihugu, kwerekana ko hariho ubwoko buruta ubundi, n’ibindi bikorwa bibabaje, vyatumye Abarundi isinzi bigira inama yo kugira urunani rw’intamenwa batangura urugamba rwo guharanira intahe y’ukwikukira.

13. Ico Abarundi dutegerezwa kuzirikana, ni uko imbere y’umuzo w’Ababirigi mu Burundi, ata na rimwe higeze haba indyane zishingiye ku moko mu Burundi.

14. Mu gihe Rwagasore yari ashikanye Uburundi ku ntahe yo kwikukira, yaciye agandagurwa n’abo bakoroni babifashijwemwo n’Abarundi bashira imbere inyungu zabo, bipfuza ko abakoroni bobandanya bapfukamye mu nda abarundi. Ivyo rero vyaragize ingaruka mbi cane ku gihugu cacu aho amacakubiri ashingiye ku moko no ku ntara, indyane mu banyepolitike n’ubwicanyi butagira izina vyaciye biza biraba vyisubiriza mu myaka y’1965, 1969, 1972, 1988, 1991,1993. Haciye haduka ugukurana ku butegetsi hakoreshejwe igikenye, intwaro za ryogora duhure ahanini zubakiye kw’ikumira, ivangura ry’abarundi, ikinyoma, akarenganyo n’ayandi mabi menshi. Iyo ataba ubumwe rero, intahe y’ikwikukira yari kuduca mu myanya y’intoke.

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi ;

15. Mu ntumbero yo gushikana Abarundi mu bumwe bwuzuye, gutsimbataza amahoro n’umutekano, gusasagaza Demokarasi no gushikana igihugu cacu mw’iterambere rirama kandi ridakumira, twariyemeje kuvugana ukuri no gusubiza hamwe. Umurwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi uri ku kivi kugirango Abarundi bamenye ukuri ku bijanye na kahise k’igihugu cacu ; kaba kabi canke keza, gutyo tuvavanure ubutagisubira inyuma n’ingeso mbi zatuzingamitse, nyabuna turabe imbere, dutegurire kazoza keza abana bacu.

16. Twashaka rero tubibutse yuko ikintu nyamukuru gihuza Abarundi ari igihugu cacu. Burundi bwacu, Burundi buhire, Imana yakuduhaye ikudutungire.

17. Imana yaduhaye iki gihugu ciza turi mu moko menshi, ikibumbana imitumba, ibiyaya n’imisozi myinshi, ikiduha ngo tukibemwo twese, twumvikana, turi mu bumwe. Nta n’umwe arekuriwe kucigungana, kugicafuza canke kucanjanjwako nagato, niyo mpetso y’Abarundi twese.

18. Dutegerezwa gukunda n’uguteza imbere twese iki gihugu cacu, tukamenya ko ubudasa mu bijanye na politike, amoko, amadini n’ibindi atari ikibazo, ko nyabuna ari inyishu, bikatubera nk’ingazi idushikana kw’iterambere rirama, biciye mu kwuzuzanya mu budasa bwacu.

19. Uno musi twashaka gusaba umwe wese gusubiza amaso inyuma, kugira ngo twisuzume turabe ko ayo masezerano y’Ubumwe twayagendeye bihagije, ivyatumye ubumwe butazimangana duheze tubikomeze, twongere tunavyigishe abana bacu kugirango ubumwe bube nk’iragi ridacika tugenda duhererekanya.

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi ;

20. Vyarashitse Ubumwe bw’abarundi buratosekara, ahanini bikaba vyakomotse ku burongozi bubi, bwahengamira kuri aba canke bariya bivuye ku mohe y’abakoroni n’abandi banyamahanga. Turashima cane ko uburongozi bwa kino gihe bwishiriweho n’abenegihugu kandi bukaba bushingiye ku bumwe bw’abarundi.

21. Ubumwe kandi bwaratosekaye bivuye kutavugana ukuri, agatima ko kwikunda, ugukorera ku mabwire y’abahoze batwara Uburundi ku ntwaro za gikoroni, ukwinubana kubera uwo mugera w’amacakubiri, ukudahana ivyaha kwagiye kuribonekeza, ugukangarizako, n’ibindi.

22. Haribonekeje n’abandi banyamahanga bo mu bihugu bitandukanye bashatse guhungabanya ubumwe bw’abarundi mu guteza urubwa Leta, canke mu gucanishamwo abenegihugu, babicishije mu mashirahamwe mpuzamakungu atanga amaraporo atari yo, canke mu bimenyeshamakuru bimwe bimwe no mu buhinga ngurukanabumenyi.

23. Nta numwe abiyobewe, igikorwa co gukomeza ubumwe ni ica misi yose. Muri kano kanya rero, Twashaka dushikirize zimwe mu nkingi twokwubakirako Ubumwe, zikamera nk’impanuro :

-Kurushiriza kwitaho no guteramira umutekano, ntihagire abadusubiza mw’ihumbi bitwaje amacakubiri y’amoko n’ibindi.

- Abanyagihugu n’indongozi bokwitaho intwaro ibereye no kurwanya igiturire, kugira ngo umwe wese arye ivyo abiriye akuya.

- Kugendera umutima w’urukundo duhereye mu kibano, gushika mu gihugu cose, tukamenya ko igihugu ari impetso ya twese ;

- Gukomeza umutima wo gukunda igihugu mu gusonera amateka n’amategeko akigenga tukirinda kugityoza no kucararaza ;

- Kwubaha abandi n’ivyabo hamwe no kwubahiriza agateka ka zina muntu, cane cane tugasonera ubuzima bwa benewacu, kuko ari katihabwa ;

- Gukomeza ibikorwa tukagwiza umwimbu, kuko tuzi ko « munda harara inzara hakazinduka inzigo » ;

- Kugira umutima wo gusabikanya ivy’igihugu, ntihagire uwu kumirwa mu buzima bwaco ;

- Guteramira amahoro n’umutekano kugira ngo dusezerere ingeso mbi yo kwinubana ;

- Kwirinda kugwa mu mitego y’amacakubiri iyo aturuka hose ;

- Kwirinda bagateranya aho bava hose atakindi barota atari kuryanisha abonse rimwe nkuko mumaze imisi mubibona bicishwa mu bihuha, mu marementanya, mu bimenyeshamakuru, mu binyegeza mu nyigisho ry’ijambo ry’Imana, ibinyoma no kujuragiza urwaruka aribwo Burundi bwejo, mu kubacanishamwo no kubaha ibiyayuramutwe bibakwegera mu bwicanyi no mu bwihevyi.

- Kwitwararika imigambi n’ingendo nshasha Leta yashinze na cane cane gukwirikira inyigisho zo gukunda igihugu, gufasha umurwi w’igihugu wo kuvugana ukuri no kunywanisha abarundi, umurwi w’igihugu ujejwe ibiyago bihuza Abarundi, n’ibindi.

- Natwe ico twiyemeje akaba ari ugushigikiza ubumwe intwaro ya demokarasi, yemeza ko ubutegetsi butangwa n’abenegihugu, ntihagire uwipfuza kubavuguruza. Ni muri iyo ntumbero tuboneyeho akaryo ko gusaba abarongoye abandi mu nzego zose z’igihugu no mu mashirahamwe yose akorera mu Burundi, kuba akarorero mu kunywanisha abarundi mu bumwe.

- Turagabishije kandi abanyepolitike ko atawohirahira ngo asubire kurota acanishamwo abenegihugu ku mvo izarizo zose. Tuboneyeho kandi gukebura abenegihugu baciwe ivutu n’ibinyoma n’amarementanya vy’abamunzwe n’amacakubiri ko borema, bakumva ko bafise uwidegemvyo. Nico gituma duteye akamo abahunze bose ko bahunguka, baze twubake igihugu cacu.

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’Uburundi ;

24. Imbere yo gusozera, murabona yuko ibihe vyahindaguritse, ivyo imvura yonona n’ivyo ikiza bikaba bisa n’ibingana. Birashika ko harwa imvura y’isegenya, abantu bakarara rubunda, imirima yabo nayo igatikira. Muri wa mutima wo gukundana no gufashanya, tubararitse ngo na ntaryo mwitabe mudatevye akamo ko kugarukira kuri benewanyu bashikiwe n’ivyago, ni mwerekane umutima w’urukundo mu guterera umwe umwe wese ico ahambije mwongere muremeshanye.

25. Dusavye kandi abajejwe intwaro guhimiriza gutera ibiti ku misozi yose ifise ubwambure. Mwongere muzitire mutaronerwa mu guhimiriza abenegihugu baba ku micamo y’imisozi ibangamirwa n’ibihomoka ngo bimuke hakiri kare, bave mu myonga bisunge amataba. Gukingira ibidukikije bituma ingaruka mbi zitewe n’ihindagurika ry’ibihe zigabanuka.

26. Turasavye dushimitse abavyeyi kwihatira indero y’urwaruka, barukundishe ibikorwa biruteza imbere, baruhanure kutajana nyabahururu ahubwo bime amatwi ba sesankuyoze barukoresha ku nyungu zabo, rutegere nyabuna ko kazoza keza karwo kari mu gukora ibikorwa birufitiye akamaro atari ibiruta mu kaga. Abarundi bayamaze bati : igiti kigororwa kikiri gito.

27. Turangije dusaba abanyagihugu kwama mufatanye mu nda ; mwijukire ibikorwa vy’iterambere, mwirinde abaza kubasamaza. Nkako, murazi gutandukanya icatsi n’ururo : aho tuvuye murahazi, aho tugeze murahabona, imbere naho ni heza.

28. Dufatanye munda, tugasenyera na ntaryo ku mugozi umwe, tugategera tukongera tukazirikana ko ubumwe ari Isoko ry’Ivyiza vyose, nta nkeka ko tuzotera imbere amahoro n’umutekano navyo bidushware, mbere n’abo twahora twitura batugire incuti n’abagenzi kuko tuzoba dufise ivyo dutanga n’ivyo dusigarana.

Tugire amahoro, Tugire amahoro, Ubumwe, Ibikorwa,
Iterambere n’Ubutungane kuri bose.
IMANA IHEZAGIRE UBURUNDI N’ABARUNDI,

MURAKOZE