Ijambo Nyenicubahiro Petero Nkurunziza ashikirije Abarundi abipfuriza Umunsi mukuru mwiza w’Akazi n’abakozi

Barundi, Barundikazi, Bakoresha, Bakozi, Ncuti z’Uburundi;   Kuri uyu musi turamutse duhimbaza umusi mukuru mpuzamakungu w’abakozi n’akazi, umusi wama uhimbazwa kw’isi yose igenekerezo rya mbere Rusama, turakengurukiye Imana Mushoboravyose yo yatugiye imbere ikadushoboza kurangura imirimo yacu. Nihabwe icubahiro. Turifatanije n’abakozi bose mu kwigina uyu musi mukuru, kuko twese turi abakozi. Tuwuhimbaze tuzirikana ingene watanguye, igihe abakozi isinzi bo mu gisagara ca Chicago muri Amerika ya ruguru bagira imyiyerekano, basaba ko bogabanirizwa amasaha y’akazi gushika ku masaha umunani ku musi, kuko bakora amasaha menshi abavuna, bagatako bagafatwa nk’abaja. Hari kw’igenekerezo rya 01 Rusama 1886. Kw’izina rya Leta no kw’izina ryacu...

Read More