Ijambo Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu ashikirije Uburundi n’amakungu mu kwigina imyaka 55 y’Intahe y’Ukwikukira

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;

Tubanje kubaramutsa mwese aho muri hose!

1. Nkuko mubizi, aho bukera, abenegihugu bose, abato n’abakuze baba mu Burundi no mu mahanga, tuzohimbaza mu kanyamuneza kadasanzwe imyaka 55 irangiye Uburundi buhabuje Intahe y’Ukwikukira. Vyongeye ni akaryo ko gushimira Imana Mushoboravyose idushikanye kuri uyu musi mukuru uhambaye turi mu mahoro n’umutekano.

2. Hari ku wa mbere Mukakaro 1962. Iryo genekerezo rizokwama ari intibagiranwo mu Burundi, kuko ritwibutsa umutima n’ishaka bidasanzwe vyo gukunda igihugu vyaranze abatuboneye izuba.

3. Imana Mushoboravyose yabagiye imbere ikabashikana kuri iyo ntsinzi nihabwe icubahiro, natwe igume ituja imbere kugira turangure neza ibikorwa bitsimbataza iyo ntahe y’ukwikukira.

4. Uyu musi ni umusi mwiza, umusi mukuru w’intsinzi n’akanyamuneza bidasanzwe ku Barundi bose. Muwuhimbaze mu bumwe kandi muteramiye umutekano nk’uko abawudushikanyeko babigize. Mwibuke kandi kuzirikana amakuba imboneza zacu zaciyemwo kugira zihabuze Intahe y’Ukwikukira, kandi mwiyumvira ingene twoyitsimbataza kurusha, narirya abipfuza kudusubiza mu buja n’ubukoroni batigeze bahengeshanya kutuburabuza n’ubu bakiriko.

5. Ni co gituma icivugo c’uwu musi ari: «Ubumwe no Guteramira umutekano w’Igihugu ni yo nzira irashe yo Gutsimbataza Intahe y’Ukwikukira».

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;

6. Ba kavamahanga bataraza, Uburundi cari Igihugu cifashe, citunganije, kirongowe n’Umwami n’Abagabo. Abarundi bari bafise ijambo mu gihugu cabo, bafatanye mu nda, bateramira amahoro n’umutekano, basangira akabisi n’agahiye. Eka cari Igihugu kiramutswa Iteka n’Itekane kandi ciyubashe kikiyubahiriza.

7. Abanyamahanga bamaze gushika mu Burundi, ibintu vyaciye biyangara. Baba abadagi batanguye kuza, baba ababirigi babasubiriye, bahurira ku bintu bimwe: Gufata Abarundi nk’ibijuju babaka ubutegetsi muri vyose; kubafata nk’abanyamahanga mu gihugu cabo, ingingo n’amategeko bitosekaza agateka ka zina muntu; kubasahura ubutunzi bw’igihugu cabo, kubasinzikariza ubuzima n’ayandi mabi, na cane cane gusambura imiryango, ingo, imico kama n’akaranga vy’Abarundi.

8. Kugira Abarundi bikure ku gakanu intwaro ya ba kavamahanga, barwanye urugamba rurerure, urugamba rwahitanye na bamwe mu baruremesha. Rwari urugamba rusaba umutima wo kwitanga batiziganya, umutima wo kudatinya urukamvye, umutima wo gukunda Igihugu no kucigura.

Barundi,  Barundikazi,  Ncuti z’Uburundi;

9. Naho ba kavamahanga badukoreye akabi kabishe, na cane cane kubiba umugera mubi w’amacakubiri ashingiye ku bwoko, hari ivyiza bakoze ataworeka gushima.
Bimwe muri ivyo ni nko kwigisha Abarundi gusoma, kwandika no guharura; kwubaka amashure n’amavuriro; kuzana ibiterwa njabukamazi nk’ikawa, icayi, ipampa n’ibindi.

10. Ku ruhande rwacu, tworaba naho nyene uruhara twagize mu mabi yagiye arakorerwa Abarundi ku ntwaro ya ba kavamahanga, mu gihe c’urugamba rwo kurondera intahe y’ukwikukira, mu ntwaro zagiye zirakurikirana inyuma yayo no  mu rugamba rwa demokarasi gushika uno musi turiko turahimbaza imyaka 55 tumaze duhabuje Intahe y’ukwikukira. Muri ivyo biringo vyose, ubumwe n’umutekano vyagiye birahungabana, Kubera ba “mpemuke ndamuke”, barondera inyungu zabo gusa.

11. Mu gihe c’intwaro y’Abadagi, ku Mwami Mwezi Gisabo, ba mpemukendamuke baribonekeje, bashigikira Abadagi mu gucinyiza Uburundi n’Abarundi aho gushigikira umwami. Aha twovuga nka Kirima na Maconco kandi hari Abarundi benshi cane bishwe banahambwa mu binogo rusangi ku mutumba wa Ndago mu ntara ya Muramvya.

12. Mu rugamba rwo guhabuza Intahe y’Ukwikukira, ba mpemukendamuke bararwanije Umugambi mwiza w’Umuganwa Ludoviko Rwagasore yashaka ko Uburundi bwikukira vuba na bwango, bashigikira Ababirigi bashaka ko bwosubizwa Intahe y’ukwikukira inyuma y’imyaka 30, bisigura ko Uburundi bwari gushikira iyo ntahe hagati y’umwaka w’ 1990 n’uw’2000. Ng’ico icatumye imyaka yo hagati y’1961 n’2000 yabaye imyaka y’ivyago ku Barundi.

13. Mu gihe Abarundi isinzi bariko barasemerera basaba ishingwa ry’intwaro rusangi ishingiye ku migambwe myinshi, hari abandi bavuga ko hataragera, bashigikira intwaro z’igikenye. Ivyo benshi murabizi kuko ni ivya vuba. Inyifato nk’iyo nta kindi iba itumbereye atari uguhungabanya no gutitura Intahe y’Ukwikukira.

14. Uburundi bumaze kwinjira mu ntwaro rusangi turimwo, haribonekeje Abarundi batanejerejwe n’iyo ntwaro, baraheza bitwaza amacakubiri ashingiye ku moko kugira babone inzira yo guhungabanya ubumwe n’umutekano, baryanisha Abarundi mu ntumbero yo gusenyura inzego zitorewe n’abenegihugu, hejuru y’inyungu za ba mpemukendamuke.

N’aho nyene kwari ugutitura intahe y’ukwikukira ku nyungu y’abatipfuza ko Uburundi bwosubizwa iyo ntahe.

15. Kugeza uno musi hariho Abarundi batarazirikana neza Igihugu cabo, bataramenya iyo twavuye, aho duteye n’iyo tugana, maze bakifatanya n’abansi b’Intahe y’Ukwikukira mu kurwanya ukwikukira kw’igihugu cabo, bohejwe n’abakoroni ba kera. Bari bakwiye kuzirikana wa mwibutsa wa ba sokuru ngo: «Uja mu kibira utazi ugaca inkoni utazi».

16. Nka kurya vyari bimeze ku ntwaro za ba kavamahanga aho abenegihugu batari bafise uburenganzira bwo kwitunganiriza ivyabo mu vy’intwaro, ubutunzi n’imibano, n’ubu hariho abagifise ako gatima ko kutareka Abarundi ngo bishire bizane. Ivyo bigaragarira mw’igandagurwa ry’indongozi z’igihugu nka Rwagasore, Ngendandumwe, Ndadaye, Ntaryamira n’abandi.

17. Dusavye abanyamahanga kwikubita agashi, bavavanure n’iyo ngendo igayitse, ingendo bunyamaswa kandi iteye kubiri n’amategeko mpuzamakungu. Aha mbere Abarundi bomenya ko hari abanyamahanga bamwe bamwe binyegeza inyuma y’Abarundi bari ku rushimu kudindiza igikorwa c’iteka co kumenya ukuri no kurekuriranira.

18. Mwene abo banyamahanga, bamenye neza ko bafitiye ideni Abarundi kubera ubutunzi babasahuye, kubera imfura babahekuye, impfuvyi n’abapfakazi, amarira n’amaganya basize mu miryango y’Abarundi. Aho kubandanya bongera ikibi mu kindi, aho kubandanya basongera isibe, vyobabera vyiza basavye imbabazi Abarundi bakagirako bakabaha n’indishi y’akababaro. Ngiyo inzira irashe yonagura imigendaranire ubutagisubira inyuma.

19. Abarundi benewacu nabo tubasavye kwirinda gusubira kurwa mu mitego y’abo ba sesankuyoze, birinde gukorwa n’igiti mu jisho kabiri, bigire Inama y’intango nshasha.

Bame bazirikana imisi yose na hose ko atawahemukiye igihugu n’abenegihugu ngo yererwe, bame bazirikana wa mwibutsa wa basokuru ngo:«Uheza guhemuka ibigori bikera».

20. Naho biri ukwo, Uburundi ntibwigeze bugwa mw’isanganya. Ineza yamye kandi izokwama itsinda inabi, ukuri nakwo kwama guca mu ziko ntigushe. Uburundi bwarapfunywe ariko ntibwapfuye, bwarahabishijwe ariko ntibwahababutse. Ni co gituma dusubiriye gutera akamo abahemukiye igihugu ngo bave i buzimu baje i buntu, bategere ko ata gihugu kizoza kibasumbira Uburundi Imana yaduhaye, kandi ko amaherezo y’inzira ari mu nzu.

21. Tuboneyeho gushimira Abarundi benshi bamaze gutahuka, twongera duhamagarira benewacu bari mu bindi bihugu bavyipfuza ngo batahuke, maze mu mwaka uza nk’aya mango, tuze duhimbaze umusi mukuru w’ukwikukira twese turi mu gihugu cacu.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;

22. Igihugu cacu kigizwe ahanini n’urwaruka, kandi ejo ni rwo ruzobazwa ivy’igihugu. Ni co gituma, tugiye kubiba mu rwaruka rwacu imbuto y’ubumwe n’iy’urukundo rw’igihugu; iyo gukunda ibikorwa no kwama ruteramira umutekano mu nsiguro yawo yose, nkuko biri mu mugambi w’igihugu ujanye n’umutekano, kuko ari vyo bitsimbataza intahe y’ukwikukira.

23. Inyigisho zo gukunda no gukundisha Igihugu zashizwe ku rutonde rw’ivyigwa mu mashure yose,  nta rindi hangiro zifishe atari kudufasha gushika kuri uwo mugambi. Ku kaba nkako, Intahe yo Kwikukira irateramirwa kandi ikavomerwa ijoro n’umurango.
24. Abakurambere barayamaze bati : « Indero iva hasi », ahandi n’aho ngo « Igiti kigororwa kikiri gito ». Dutegerezwa gutegura neza urwaruka, kugira  rugendere ibanga, ubugabo, ubushingantahe, ubuntu n’urupfasoni; rwitegurire kuba intwari zibushitse, runezerezwe no kwitwa « Umurundi » aho ruri hose kandi rubigendere.

Nakare: “Imbuto itewe ni yo imera”, vyongeye gutsimbataza intahe y’ukwikukira si ivyo gukinishwa no kwanjanjwako.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;

25. Mu ntumbero yo gukabura umutima wo gukunda igihugu no gutsimbataza intahe y’ukwikukira mu bato n’abakuze, hazoshirwa imbere ibi bikurikira:

 Kubungabunga ubumwe n’umutekano, kuko ni vyo mushinge wa vyose, ni «karahara mu ruganda ntibacura»; ni navyo umukoroni yasambuye ubwa mbere na mbere kugira ducanemwo, tubure umutekano;

 Kwumvisha Abarundi ko bikukiye bamenye kandi bamenyere ko aribo bishingira Amateka n’Amategeko y’Igihugu cabo baniyemere, nakare «ntawuterwa iteka atekewe mu vyatsi»;
 Kugendera iragi rya Rwagasore, rishingiye ku bumwe, ibikorwa n’amajambere, kuko aho bigeze, n’ubu hari abansi b’Intahe y’Ukwikukira bafovya ayo majambo nkoramutima, mu kuyaha izindi nsiguro zigayitse zirtyoza igihugu n’intahe y’ukwikukira;
 Gushigikira ibikorwa vyo kumenya ukuri ku vyabaye no kunywanisha Abarundi, kugira Abarundi twirogore uburozi bw’amacakubiri y’amoko twatamitswe n’abakoroni;
 Kubiba imbuto y’ubukerebutsi, ubutwari, ubuhizi, umwete n’ubwira cane cane mu rwaruka rwacu, ni vyo vyaranze ba sokuru n’abadushikanye ku ntahe y’ukwikukira;
 Kwerekana mu mvugo no mu ngiro ko dushoboye kubaho tutarinze kuzera inze, dushize imbere ibikorwa, ariko tudateye akagere abagenzi dusanzwe dufashanya, ahubwo tukabagwiza;
 Kwama tuja Inama n’ingingo muri vyose no guha ijambo umwenegihugu;
 Kumenya ko igihugu gifise ibanga cisangije kandi ko gifise akadasohoka kurya bigenda mu rugo;
 Gusonera no kwubahiriza iryo abenegihugu baba ​bapfunditse baciye mu matora kuko bikomeza ubumwe n’umutekano, kandi bigatsimbataza Intahe y’Ukwikukira, vyongeye ni bo soko n’inkinzo vy’igihugu;
 Kwubaha no kwubahiriza amategeko yo mu gihugu n’amategeko mpuzamakungu ajanye no kwubahiriza ubwigenge no kutavogerwa mu ntahe y’ukwikukira;
 Kwamirira kure ico cose coza gitumbereye gusubiza Uburundi mu buja, mu gasuzuguro n’agahotoro vyaranze ubukoroni;
 Kwiyemera tukumva ko dushoboye gutorera umuti ibibazo vyacu.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;

26. Igihugu cacu Imana yaragihezagiye nk’ibindi bihugu, yaragitatse ubwiza bw’akaroruhore n’ubutunzi bwinshi. Ubwo bwiza n’ubutunzi turamaze kubona ko bihurumbirwa na benshi, bamwe mbere bakagomba kuvyihagira.

Duhamagariwe rero kuba maso, tukabicungera, tukabikingira, kandi tugakora ibishoboka vyose kugira ubutunzi bwacu ntibuduce mu myanya y’intoke, ahubwo bugirire akamaro Abarundi bose, abariho ubu n’abazovuka, mbere ibihe vyose.

27. Turasavye kandi amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi n’ayipfuza kuza kuhakorera ngo akore yisunze Amateka n’Amategeko vy’Igihugu cacu. Abarundi twamanye iteka ryo kurya bike tukaryama kare, ntituzokwihanganira abikika inyuma y’imfashanyo ngo badusubize mu buja, basambure Ubumwe bw’Abarundi canke badurumbanye imico n’umutekano vy’igihugu cacu.

28. Dufatiye ku bihe twaciyemwo kuva mu 1961, birakwiye ko twitegurira neza amatora yo mu mwaka w’2020 no muri kazoza mu bijanye n’uburyo hamwe n’ibikoresho tutarinze kwambambira amakungu.

Na cane cane ko twamaze kwibonera ko hari ibihugu bimwe bimwe vyipfuza ko Uburundi bworamutswa akaguma n’akajagari ngo bibone kudusahura ubutunzi bwacu vyikinze agahumbezi, gutyo batwamize mu ndyane zitubuza kubona no kwikora ku butunzi Imana yaduhaye, twame mu bukene, gutyo twame tubateze amashi.

29. Turabararitse rero ngo muterere hakiri kare kuri konte inomero 1110/267 yuguruwe mw’Ibanki nkuru y’Igihugu. Dusavye amabanki atandukanye n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana ngo akorane n’Ibanki nkuru y’Igihugu mu kworohereza abipfuza guterera, kugira amatora yimirije azoshike twaramaze kwisuganya.

30. Umwe wese azoterera uko ashoboye, gutyo twereke amakungu ko Abarundi dushoboye kwitunganiriza amatora azira utunenge tutarinze kuzera inze, nakare akimuhana kaza imvura ihise. Iyo ni imwe mu nzira zo gutsimbataza intahe y’ukwikukira na demokarasi mu gihugu cacu, na kare iyo ntahe y’ukwikukira twayironse iciye mu matora mu 1961.
31. Mwibuke imitego twasimvye mu 2015, aho abari biyemeje kudufasha mu matora baduteze imitego mu kwiyonjorora hasigaye indwi imwe gusa ngo amatora atangure. Muca mutahura neza igituma amatora yamye aburabuzwa cane cane n’abakoroni ba kera n’ubu bataratuva inyuma.

32. Kugira kandi Intahe y’Ukwikukira igume ishinga imizi, abarongoye Abandi basabwe kwama bamenyesha abo barongoye ibibazo biba biri mu gihugu, babasabe no guterera mu kubitorera umuti. Ivyo navyo bijanye n’ubukene, ubushomeri, isesagurwa ry’ubutunzi bw’igihugu, ibiturire, agateka ka zina muntu, imico y’Abarundi n’indero ndundi y’abana bigenda bitituka, ubunebwe, urwenge, n’ibindi.

33. Reta nayo, ifadikanije n’abenegihugu izobandanya gukomeza, ubumwe, amahoro n’umutekano, kuburizamwo imigambi y’abashaka kutunyaga Intahe y’Ukwikukira, abashaka gusenyura inzego zitorewe n’abenegihugu no kunyonyeza ubutunzi bw’igihugu.

Reta izobandanya igikorwa co gukomeza inzego z’ubutungane, kworohereza abagwizatunga, kugwiza Abagenzi b’ukuri no gufashanya n’ibindi bihugu, tutibagiye kubandanya wa mugambi mukuru w’ingene twipfuza ko igihugu cacu coba kimeze mu mwaka w’i 2025, tukawugira rwacu, mbere twitegurire twebwe nyene ingene Uburundi bwoba bwifashe gushika  mu 2050 guhera ubu.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;

34. Ibikorwa vyaranguwe, inyubakwa zubatswe mu bikorwa Rusangi, ivyaranguwe n’amashirahamwe n’ivyaranguwe n’abantu ku giti cabo bizinjirwa muri uku kwezi kw’indwi n’inyuma yakwo, kuko bikomeza intahe y’ukwikukira.

Ba buramatari na ba musitanteri basabwe gutegura neza ico gikorwa, batibagiye no gutegura umusi wahariwe ikomine, aho abavukakomine bahurira hamwe, bagategura ibikorwa bikomeza ubumwe, umutekano n’iterambere iwabo, bigatsimbataza n’intahe y’ukwikukira no gufata iterambere ryacu mu minwe, riduhereyeko rikongera rikadusubirako.

35. Imbere yo gusozera, turasubiye gushimira abo bose bitanga ijoro n’umurango kugira ngo Uburundi burangwemwo iteka n’itekane, duhereye ku bajejwe umutekano, abajejwe ubutungane, abajejwe intwaro n’abenegihugu bose. Iteka n’itekane vy’Igihugu cacu dutegerezwa kubigira umwitwarariko wa misi yose ata n’umwe yigize sindabibazwa, maze tuzibire burundu ibihengeri vyose abansi b’intahe y’ukwikukira bagiye barameneramwo mu kudusamburira igihugu n’ubumwe bwacu.

36. Turashimiye ibihugu n’amashiramwe mpuzamakungu, na cane cane ivyo dusangiye Umuryango wa Afirika y’Ubuseruko bimaze gutahura neza ikibazo c’Uburundi, kandi bikadushigikira. Turashimiye kandi ibihugu n’amashirahamwe mpuzamakungu bibandanya bifasha mw’irangurwa ry’imigambi y’iterambere, eka n’abo bose badahengeshanya gushigikira Intahe y’Ukwikukira kwacu mu buryo butandukanye.

37. Turibukije Abarundi n’Amakungu iyo ava akagera ko Uburundi ari Igihugu c’Abarundi, gitwarirwa mu Burundi kandi kigatwarwa n’abitorewe n’Abarundi. Nimuze twese Uburundi bwacu tubuture amaboko, umutima n’Ubuzima, kandi twame twambaza Imana yabuduhaye ibudutungire. Abarundi nitureme kandi dutekane. Turagabishije ko abazita mu vy’Uburundi mu kutuburabuza mu bumwe, mu mutekano Imana yaduhaye, mu ntahe y’ukwikukira bagiye guhura n’Imana. Nibateshwe bate, ni bave i buzimu baje i buntu, atari aho naho bazobirwamwo mbere bibahitane.

38. Tukaba dusubiriye kwipfuriza Abarundi mwese umusi mukuru mwiza w’imyaka 55 tumaze twikukiye, muwuhimbaze muzirikana   icivugo c’uno musi: «Ubumwe no Guteramira Umutekano w’Igihugu ni yo nzira irashe yo gutsimbataza Intahe y’Ukwikukira».

Niharambe Uburundi n’Intahe y’Ukwikukira,
Imana ibahezagire Uburundi n’Abarundi,
Murakoze.