Ijambo rya Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu mu kwibuka imyaka 2 iheze Abarundi bitoreye indongozi

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;   1.  Tubanje gukengurukira Imana Mushoboravyose yo yadushoboje gushika kuri uyu musi wo gushima imyaka ibiri irangiye abenegihugu batwizeye, mu kudutora ngo tubabere indongozi mu kiringo c’imyaka itanu, twongera tuyitura ngo ibandanye itumurikira mw’irangurwa ry’imigambi twemereye Abarundi kandi mwadutoreye.   2.  Hari kw’igenekerezo rya 20 Myandagaro, umwaka w’i 2015, aho twashikirizwa icese amabanga yo kurongora Uburundi inyuma y’amatora yari yatunganijwe mu gihugu cose no ku Barundi baba mu mahanga.   3.  Uyu musi udasanzwe kuri Twebwe no ku gihugu, ni akaryo keza ko gukengurukira Abarundi bose batwizeye, twongera dushima ubwitonzi n’ubushishozi vyaranze Abarundi mu gikorwa c’iteka co kwitorera indongozi. Ni ikimenyetso kitabesha cerekana ko demokarasi imaze gushinga imizi mu gihugu cacu. Turabakeje kandi turabashimiye cane ku butwari n’ubugabo mwerekanye.   4.  Mu kutwizera ngo dusubire kubarongora, mwipfuje ko twobandaniriza aho twari duteje isemo. Ego ni ko impinga iracari ndende, naho hari ibitari bike vyaranguwe, haracariho ibikorwa vyinshi biturindiriye. Yamara rero, igihe cose tuzoba duhuje umutima n’inama, dufise ishaka rishemeye ryo guteza imbere igihugu cacu, nta nkeka tuzotoza ikivi.   5.  Imyaka ibiri iheze ntiyoroshe kuko abansi b’Uburundi n’intwaro y’abenegihugu ntibarasubiza inkota mu gwubati. Abatemeye gushira aho intahe ishize babandanije umugambi ugayitse wo kuburagiza Uburundi n’Abarundi. Aho gusaba ibibasahiriza mu migambi myiza y’iterambere, basaba inteko mpuzamakungu n’ibihano ku Burundi bwabibarutse. Ako ni akamuna; ni ibara ku mutemere. Imana ibababarire kuko batazi ico bakora.   6.  Naho vyagenze uko, umwaka w’2016 wabaye mwiza...

Read More