Ijambo rya Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu mu kwibuka imyaka 2 iheze Abarundi bitoreye indongozi

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’Uburundi;

 

1.  Tubanje gukengurukira Imana Mushoboravyose yo yadushoboje gushika kuri uyu musi wo gushima imyaka ibiri irangiye abenegihugu batwizeye, mu kudutora ngo tubabere indongozi mu kiringo c’imyaka itanu, twongera tuyitura ngo ibandanye itumurikira mw’irangurwa ry’imigambi twemereye Abarundi kandi mwadutoreye.

 

2.  Hari kw’igenekerezo rya 20 Myandagaro, umwaka w’i 2015, aho twashikirizwa icese amabanga yo kurongora Uburundi inyuma y’amatora yari yatunganijwe mu gihugu cose no ku Barundi baba mu mahanga.

 

3.  Uyu musi udasanzwe kuri Twebwe no ku gihugu, ni akaryo keza ko gukengurukira Abarundi bose batwizeye, twongera dushima ubwitonzi n’ubushishozi vyaranze Abarundi mu gikorwa c’iteka co kwitorera indongozi. Ni ikimenyetso kitabesha cerekana ko demokarasi imaze gushinga imizi mu gihugu cacu. Turabakeje kandi turabashimiye cane ku butwari n’ubugabo mwerekanye.

 

4.  Mu kutwizera ngo dusubire kubarongora, mwipfuje ko twobandaniriza aho twari duteje isemo. Ego ni ko impinga iracari ndende, naho hari ibitari bike vyaranguwe, haracariho ibikorwa vyinshi biturindiriye. Yamara rero, igihe cose tuzoba duhuje umutima n’inama, dufise ishaka rishemeye ryo guteza imbere igihugu cacu, nta nkeka tuzotoza ikivi.

 

5.  Imyaka ibiri iheze ntiyoroshe kuko abansi b’Uburundi n’intwaro y’abenegihugu ntibarasubiza inkota mu gwubati. Abatemeye gushira aho intahe ishize babandanije umugambi ugayitse wo kuburagiza Uburundi n’Abarundi. Aho gusaba ibibasahiriza mu migambi myiza y’iterambere, basaba inteko mpuzamakungu n’ibihano ku Burundi bwabibarutse. Ako ni akamuna; ni ibara ku mutemere. Imana ibababarire kuko batazi ico bakora.

 

6.  Naho vyagenze uko, umwaka w’2016 wabaye mwiza gusumba uw’2015, uw’2017 nawo uba mwiza gusumba uw’2016. Turabatangarije ko imbere ari heza cane; Imana Mushoboravyose niyo cabona. Ku kaba nkako, ukuri ku Burundi guhaye kuja ahabona, ivyari vyaranyegejwe biriko biraja ku mugaragaro kandi biracaza; maze Abarundi babone gutandukanya icatsi n’ururo.

 

7.  Turasubiye gukengurukira Abarundi bose, abajejwe intwaro n’abajejwe ubutungane, twongera dukeza inzego z’umutekano no kwivuna abansi, zitanze zitiziganya ijoro n’umurango mu gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gihugu cose, maze Abarundi baboneraho kwidegemvya no kubandanya ibikorwa bibateza imbere bigateza imbere n’igihugu cabo, bakanatahura ko bashoboye.

 

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’Uburundi;

 

8.  Turahimbawe n’ivyaranguwe muri iyi myaka ibiri naho imitego n’intambamyi vyari vyinshi. Imigambi twashize imbere igihe turahira yari ishingiye ku ngingo zitatu:amahoro, umutekano n’ubutungane kuri bose; intwaro ibereye ishingiye ku mwenegihugu; hamwe n’iterambere rirama kandi ridakumira.

 

9.  Imigambi yose irangurwa mu bisata bitandukanye bigize ubuzima bw’Igihugu, yisunga izo ngingo zitatu. Izo ngingo ni nk’Amasezerano ahuza Umukozi n’Umukoresha, umukoresha nawe si uwundi ni umwenegihugu, umukuru w’Igihugu nawe akaba umukozi wanyu mu bandi.

 

10. Intambwe tugezeko uno musi mu gushira mu ngiro ivyo twemereye Abarundi bene Igihugu tuyikesha ahanini ukudushigikira mwivuye inyuma, tutibagiye umwete n’ubwira bibaranga mu bikorwa. Turabakeje cane, ni mukomere ku muheto, tunabaremesha ko Imana Mushoboravyose iri kumwe natwe kandi ikorana natwe.

 

11. Umwitwarariko wacu imisi yose na hose, ni ugutegura kazoza keza k’Igihugu cacu n’abana bacu, mu gukora ibishoboka vyose ngo bazoshobore kubaho neza kurusha uko twabayeho. Muze rero tubarinde guca mu nzira mbi twaciyemwo, tubabere urumuri rutazimiza, maze baze bavuge bati « Abatuboneye izuba bari abagabo koko », maze baze batwirate kurya twirata Imana Mushoboravyose, Ntare Rushatsi, Ntare Rugamba, Mwezi Gisabo, Rudoviko Rwagasore, Petero Ngendandumwe, Merikiyoro Ndadaye, Nshimirimana Adolphe n’izindi ntwari z’Uburundi.

 

12. Nta gihugu na kimwe cokwihenda ngo kizeye iterambere ku bindi bihugu. Igihugu gitezwa imbere na beneco, ivyo navyo bakabishikako mu gihe bafatanye mu nda, bagikunda, bakagira n’intumbero imwe yo kugikorera no kurondera inyishu z’ibibazo bihanze abenegihugu, bafatiye ku mico n’akaranga vy’Igihugu cabibarutse, Imana yabahaye bwa ngabire bisangije ariko zunganira ibindi bihugu biciye muri ya migenderanire no gufashanya.

 

13. Twipfuza kwubaka igihugu kiramutswa iteka n’itekane, cubakiye ku vyipfuzo vy’abenegihugu bafise amagara meza, indero runtu, ubwenge n’ubumenyi, agateka kabo kubahirijwe kandi babayeho mu mahoro n’iterambere.

 

14. Ikindi tudasiga inyuma, ni ugutsimbataza, guteramira no kubungabunga intahe y’ukwikukira mu kwitwararika amahoro n’umutekano, tukongera tugakura amaboko mu mpuzu mu gukora tudahengeshanya, kugira turandurane n’imizi ingeso yo kuzera inze kandi duheshe igihugu cacu izina ryiza mu makungu.

 

15. Kugira dushobore gushika kuri iryo hangiro, dutegerezwa guhindura ingendo, tukavavanura n’ingeso zatugejeje habi, tukamenya iyo tuva n’iyo tuja. Ngico icatumye dutanguza muri uno mwaka isekeza ryo kuzirikana Igihugu cacu, kumenya ico turi nka beneburundi, kumenya gutandukanya icatsi n’ururo no kugira inyifato n’imigenzo bibereye kandi biranga Umurundi w’ukuri kandi yiyemera.

 

16. Uno musi Abarundi benshi baramaze gutegera ko igihe co kuva mu muzimagiza twashizwemwo n’inyigisho z’abakoroni na ba mpemukendamuke cageze. Iki ni igihe co kuva i buzimu tukaja i buntu, tukagaruka ku mico n’imigenzo myiza vyaranze ba sokuruza. Kukaba nkako, abantu benshi bicwa no kutamenya; kandi ni ingwara mbi isambura igihugu, igakamira mu coze abansi b’Uburundi.

 

17. Turasubiye gutangariza Abarundi n’amakungu ko igihe cokuzera inze no gutega amashi abayakubitako carangiye. Kahise ka hafi karatweretse ko «akimuhana kaza imvura ihise». Umwanya twataye dutegerezwa kuwuriha kwiruka. Dushire imbere ubumwe n’inguvu zacu, ibihugu n’amashirahamwe dufashanya bize vyuhira, kanatsindan’«Imana ifasha uwifashije», kandi ngo «Imana igira aho imaniye». Vyongeye «ntawuterwa iteka atekewe mu vyatsi».

 

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’Uburundi;

 

18. Reta y’Uburundi yiyemeje kurwanya yivuye inyuma ubukene, bwo mwansi mukuru w’Abarundi bose n’amakungu. Turasavye Abarundi mwese, abari mu Burundi n’abari mu bindi bihugu ngo umugambi wo kurwanya ubukene tuwugire rwacu, duterere ivyiyumviro, inguvu n’uburyo umwe wese ashoboye.

 

19. Twihweje ubwiza bw’akaroruhore Imana yatatse Igihugu cacu, ubutunzi ntangere bukwiragiye hirya no hino mu gihugu, ntidukekeranya ko urugamba rwo kurwanya ubukene tuzorutsinda. Turakeje Abarundi mwese kuko murahaye murahabona turavye iterambere tugezeko mu gihugu kubera ishaka, ubukerebutsi no gushira hamwe biriko biratsimbatara muri beneburundi. Ngico ico twari tubuze kuva kera, kandi turogoroye ubutagisubira inyuma.

 

20. Ikindi Abarundi twokwama twitwararika na ntaryo, ni uko ubutunzi bw’Igihugu cacu buhurumbirwa na benshi, rimwe na rimwe hakaboneka n’abagomba kubwihagira ku nguvu. Dutegerezwa rero kuba maso tukabukingira, kandi twiyubahirize, dukorane n’abandi twubahana, maze umwe wese aronke ibimukwiye.

 

21. Mu ntumbero yo gusahiriza igisata c’uburimyi n’ubworozi gisanzwe gitunze Abarundi barenga ibice 90%, Reta y’Uburundi ibandanya kurondera izindi nzira zo kuzamura ubutunzi. Aho twovuga nk’igisata c’ubutare n’agataka, inyigisho z’akanovera n’inyigisho z’imyuga, urudandaza n’ibindi.

 

22. Abatuboneye izuba barayamaze ngo « Uwugutuje aba akwambuye ». Ni ko imigambi imwe imwe nk’ingomero z’umuyagankuba ntihurirana n’ibihe vyategekanijwe. Naho biri uko, Abarundi mureme, nta mugambi n’umwe utazoranguka nk’uko Reta yavyiyemeje. Nkako ukwihangana gushikana ku ntsinzi, vyongeye uwitonze amira ibinoze, nayo abihuse ntibashitse iyo baja.

 

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’Uburundi;

23. Abarundi baramaze kwiyemeza inzira y’Intwaro y’abenegihugu, bakarongorwa n’abo bitoreye, nayo intwaro z’igikenye n’izamagaburanyama bakazigira umuziro. Ni muri iyo ntumbero bitunganirije ubwabo amatora yo mu mwaka w’2015,  amakungu agatamarirwa,  mu gihe hari abibaza ko ayo matora atazoba, bibagira ko basokuru bayamaze ngo« Uwukuravye cane akwibutsa kwikwiza ».

 

24. Dufatiye ku bihe twaciyemwo kuva mu 1961, birakwiye ko twitegurira neza amatora yo muri kazoza. Nimuze twese dufate nkama ivyo twasabwe n’Umugwi w’Igihugu ujejwe amatora, Umugwi w’Igihugu ujejwe ibiganiro hagati y’Abarundi, hamwe n’indongozi z’imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi, maze amatora yimirije asange twaregeranije uburyo n’ibikoresho tutarinze kwambambira amakungu, kandi tubimenyere, tubigire umugenzo; ni inzira irashe yo gutsimbataza intahe yo kwikukira.

 

25.  Twashaka kwibutsa ko akamaro k’amatora ari ukuronka indongozi n’inzego twitoreye, n’imigambi myiza twishimiye, ahasigaye umwe wese ni ukuja ku kivi, kanatsinda si amatora atubeshaho, tubeshwaho n’umwimbu uva mu bikorwa vyacu.

 

26. Amatora ni inzira itazimiza mu gutsimbataza intwaro y’abenegihugu. Ni muze tuyagire ayacu, na cane cane ko twamaze kwibonera ko hari abanyamahanga bamwe bamwe bipfuza ko Uburundi bworamutswa akaguma n’akajagari ngo babone gusahura ubutunzi bwacu no kuryanisha abonse rimwe.

 

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’Uburundi;

27. Abarundi barayamaze bati: «Uwugutuka ntagutorera». Naho hariho amashirahamwe n’ibimenyeshamakuru vyambika ibara Uburundi, Amakungu muri rusangi arazi ko Uburundi ari Igihugu c’iteka n’Ijambo, Igihugu gifise Izina mu Makungu.

 

28. Muri uyu mwaka, Uburundi bwarabandanije kubera ikimazi amakungu mu kugarukana amahoro hirya no hino kw’isi no kurwanya iterabwoba.

Iruhande y’ivyo duhuriyeko n’amakungu, Reta yarabandanije gushira mu ngiro imigambi yiyemeje yubahirije n’Ibwirizwa Shingiro. Inama nshingamateka yaremeje amategeko ashiraho Inama nkuru y’Igihugu ijejwe kunywanisha Abarundi, hamwe n’Inama nkuru y’Igihugu ijejwe gukinga ihonyabwoko, ivyaha vyo mu ntambara n’ivyaha vy’agahomerabunwa.

 

Si ivyo gusa, abanyeshure b’Abarundi baronse ikibanza ca mbere kw’isi mu bihugu bikoresha ururimi rw’Igifaransa, n’abanonotsi nka Francine Niyonsaba babaye rurangiranwa kw’isi.

 

Twovuga kandi Ikinyobwa Amstel Royale catahukanye umudari w’inzahabu mw’ihiganwa mpuzamakungu ryabereye mu Bubirigi, Ikibanza ca mbere catahukanywe n’Uburundi mw’ihayanishwa ry’ibikorwa bihurumbirwa n’ingenzi ryabereye mu Burusiya, amabuye y’akataraboneka bita akabuyenge ata handi uyasanga atari mu Burundi; Ikawa y’Uburundi yagiye ku rutonde rw’ikawa zidasanzwe ku rugero mpuzamakungu, n’ibindi vyiza vyinshi bitera iteka Igihugu cacu, bikongera bikaba kirumara mw’iterambere ry’Uburundi n’ibindi bihugu.

 

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’Uburundi;

29. Imbere yo gusozera, Twashaka kugira inama Abarundi mu kubibutsa ibi bikurikira:

 

Ø  Guteramira amahoro n’umutekano kuko ari vyo shingiro ry’ubuzima bw’igihugu;

Ø  Gukunda igihugu mu kugikorera,kukivuga neza no kugikundisha abandi;

Ø  Kumenya ko twikukiye kandi ko indongozi z’igihugu ata handi ziva atari mu matora yonyene nkuko twavyiyemereye mw’Ibwirizwa Shingiro ryacu twitoreye;

Ø  Kugendera imigenzo n’imico vyakujije Uburundi n’Abarundi; nivyo nkinzo y’Uburundi;

Ø  Kuvavanura n’inyigisho zazingamitse igihugu cacu na cane cane iz’amacakubiri ashingiye ku moko yabibwe n’abakoroni;

Ø  Kwumvisha urwaruka ko ari rwo Burundi bw’ejo, rukaronswa indero kavukire ishingiye ku mico n’imigenzo myiza vy’Abarundi;

Ø  Kwitabira inyigisho zo gukunda igihugu hamwe n’isekeza ryo kuzirikana igihugu cacu, tukamenya iyo tuva n’iyo tuja;

Ø  Kubungabunga ibidukikije kuko kazoza keza gahagaze kuri vyo;

Ø  Kuzirikana ko ibihe vyahindutse, tukavyara abo dushoboye kurera, tukirinda gusiga umuryano mu muryango;

Ø  Gutegera ko guhinduka kw’ibintu gutegerezwa kujana no guhinduka kw’abantu mu vyiyumviro n’inyifato, maze tukiga kujana n’ibihe.

 

30. Mu kurangiza, twashaka dusubire tubibutse ko kazoza k’Uburundi katuraba twese. Tumenye kandi tumenyere ko igihugu kizoba uko dushaka ko kiba. Turasubiye gutera akamo benewacu bari hanze y’igihugu ngo batahuke, bategere ko atawurimira amasaka aho atagira amasabo, kandi ko ata gihugu kizoza kibarutira Uburundi bwabibarutse.

 

31. Turasavye Abarundi benewacu kwirinda gusubira kurwa mu mitego ya ba sesankuyoze, birinde gukorwa n’igiti mu jisho kabiri, bigire inama y’intango nshasha, bame bazirikana imisi yose na hose ko atawahemukiye igihugu n’abenegihugu ngo yererwe, bame bazirikana wa mwibutsa wa basokuru ngo: «Uheza guhemuka ibigori bikera».

 

32. Abanyamahanga bagize uruhara mu kubohera amaboko imugongo Abarundi, bamenye neza ko bafitiye ideni Abarundi. Aho kubandanya bongera ikibi mu kindi, aho kubandanya basongera isibe, vyobabera vyiza basavye imbabazi Abarundi bakagirako bakabaha n’indishi y’akababaro. Ngiyo inzira irashe yonagura imigenderanire ubutagisubira inyuma.

 

33. Dusozereye dusubira kwemerera Abarundi kwama na ntaryo dushira imbere ineza y’abenegihugu: ubutungane kuri bose, amahoro n’umutekano, iterambere ridakumira, kunywanisha Abarundi, kubandanya guhasha ata kinya abatanga n’abarya ibiturire, abanyonyeza canke basesagura itunga ry’igihugu, abagira urudandazwa rutemewe n’amategeko nk’urw’ikawa, ubutare, ibitoro n’ibindi. Tuzobandanya kandi kwifatanya n’amakungu mu kurwanya iterabwoba, gukomeza imigenderanire myiza n’amakungu, n’ibindi.

 

34. Turakengurukiye abo bose bitanga batiziganya ngo Intsinzi twaronse mu mwaka w’2015 ntiduce mu myanya y’intoke. Dusavye inzego zose gukora ibishoboka vyose kugira iyi ntsinzi ibandanye kuba iy’Abarundi bose, abadutoye n’abatadutoye, kandi itubere inzira izodushikana kuzindi ntsinzi ku bibazo bihanze igihugu cacu n’isi yose.

Imana mushobora vyose ihezagire

Uburundi n’Abarundi

Murakoze