Ijambo Nyenicubahiro Petero Nkurunziza ashikirije yipfuriza umwaka mwiza w’2018 Abarundi n’ababa mu Burundi

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;

 

1. Turiko turasezera umwaka w’2017, twongera twinjira mu mwaka w’2018 turi mu mahoro, umutekano n’impore impande zose z’Igihugu cacu. Turakengurukiye Imana Mushobora vyose yazigamye kandi ikarinda Uburundi n’Abarundi muri uyu mwaka urangiye w’2017. Nihabwe Ishimwe n’Icubahiro biyibereye bivuye mu mitima ikengurutse y’Abarundi.

 

2. Turipfurije Abarundi bose iyo bari hose, tutibagiye n’abo bose baba mu Burundi umwaka muhire w’2018, uze ubabere umwaka w’Amahoro n’Imigisha bikomoka ku Mana. Tubipfurije umwaka mwiza, umwaka w’akanyamuneza mu banyu no mu vyanyu, umwaka wo gutera intambwe mw’iterambere. Muwuhimbaze musangira akabisi n’agahiye, murangwe n’umutima w’Urukundo wamye uranga ba sokuru na ba sokuruza bacu.

 

3. Turakengurukiye cane abo bose bitanze kugira amahoro n’umutekano bisasagare mu gihugu cose, aha twovuga Abenegihugu, abajejwe intwaro, abajejwe umutekano no kwivuna abansi abajejwe ubutungane, tutibagiye n’incuti z’Uburundi zadufashe mu mugongo mu migambi itandukanye.

 

4. Icivugo ngenderwako muri uyu mwaka ni iki gikurikira: “Tuzirikane Igihugu cacu, tumenye iyo tuva n’iyo tuja”. Iki civugo kandi tuzobandanya kucisunga gushika mu mwaka w’2019. Ntawobideha, Abarundi batari bake ntibaratahura neza Igihugu icarico, bigatuma rimwe na rimwe bafata inzira zidashika bitewe no kutamenya canke guhemukira Igihugu na benewabo.

 

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;

 

5. Twese dutegerezwa kuzirikana ico turi nk’Abarundi, maze tugahera aho, tukibaza ico duhamagariwe gukora n’ico dutegerezwa gukora nk’Abana b’Uburundi. Dutegerezwa kandi kuzirikana ko aha turi hari abandi kandi ko inyuma yacu hazoza abandi, gutyo tukama na ntaryo twitwararika gusiga Iragi ryiza n’Izina ryiza bizobera Ikimazi abana, abuzukuru n’abuzukuruza bacu.

 

6. Ako kamo gatewe Abarundi bose iyo bava bakagera, tutibagiye n’Abarundi baronse ubwenegihugu mu bihugu babamwo. Si ivy’imbeshere, bamwe mu Barundi baba hanze y’Igihugu birashika bakiyibagira.

 

7. Twipfuza ko abazimiye bozimuruka, bave i buzimu baje i buntu. Ba sokuru barayamaze ngo: « Amazi arashuha ntiyibagira ibumbeho », kandi ngo « Amaherezo y’inzira ni mu nzu». Vyongeye, «Akamuntu kamara iyagwe».

 

8. Kurya atawohindura umuvyeyi, ntihagire uwihenda yibwira ko hari igihugu coza kimusumbira igihugu c’amavukiro. Uburundi ni ubw’Abarundi, ni umurima w’isangi twasangijwe n’Imana, ni ingabanwa idasanzwe Umurundi wese ahamagariwe kuzirikana, kubungabunga no guteramira ijoro n’umurango, muri vyose na hose.

 

9. Mu kubungabunga neza iyo ngabanwa, dutegerezwa kumenya kahise kacu, tukamenya imigenzo n’imico vyamye biranga Uburundi n’Abarundi; tukamenya ivyiza canke ibibi vyakozwe n’Abarundi ubwabo n’ivyakozwe n’abanyamahanga; tukamenya cane cane ingene Abarundi bagiye baravyifatamwo mu gutorera inyishu ibibazo vyabo. Dutegerezwa gutegera ko ukutamenya ari ingwara kandi ko abantu benshi bicwa no kutamenya.

 

 

10. Kumenya kahise bidufasha cane kwama tuzirikana igihugu cacu, ako kahise kakatubera umushinge wo kwubakirako kazoza keza.

 

11. Ba sokuru barayamaze ngo: « Uja mu kibira utazi ugaca inkoni utazi ». Tuzirikane Igihugu cacu, tumenye iyo tuva n’iyo tuja, tumenye umwonga uhuma n’uwudahuma, twirinde kugenza umutwe nk’uruyuzi; twirinde kuba ibitwengerabarozi.

 

12. Kurya muri kahise ba sokuru bamye bagwaniriza umwansi hamwe, bakagwanira igihugu bafatanye mu nda, bakarahira bakarengwa kuba abaja b’abanyamahanga kandi bakabishitsa, bagahana bimwe biboneka abaca kubiri n’imigenzo n’imico yabo, natwe nitugire urunani rw’intamenwa twankire abashaka kutunyaga ubwigenge bwacu ngo badusubize mu buja.

 

13. Urugamba dusigaranye uno musi ni urugamba rw’iterambere hamwe n’urugamba rwo kurandurana n’imizi udusigarira tw’amacakubiri y’amoko yabibwe n’abakoroni. N’aho abagishira imbere amacakubiri y’amoko basigaye ku rushi, ntawosya bwose. Nkako, abakurambere barayamaze ngo: « Ubuto bw’urutobo ntiburubuza kurura».

 

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;

 

14. Umutekano si agaseseshwarumuri mu Burundi. Ikimenyamenya ni abakozi bitaba imirimo yabo ata nkomanzi; impunzi zirenga 215.000 zimaze gutahuka n’izindi zirenga 40.000 zimaze kwiyandikisha ngo zitahe; ingenzi ziva mu mihingo yose y’isi zigendera Uburundi, tutibagiye uruja n’uruza rw’abantu mu gihugu cose ijoro n’umutaga ataco binona.

 

15. Turasubiye gutera akamo benewacu bari hanze y’igihugu ngo batahuke, bategere ko atawurimira amasaka aho atagira amasabo, kandi ko Uburundi budukeneye twese. Turashimiye abamaze kwitaba akamo tudahengeshanya kubatera, tubasaba no kubwiza ukuri abo basize inyuma.

 

16. Intambwe nziza twateye mu gutsimbataza Amahoro n’umutekano mu mpande zose z’Igihugu tuyikesha ubutwari bw’Inzego zijejwe umutekano. Imigwi 310 y’abagizi ba nabi yarasambuwe, inkoho 128 n’amagrenade 325 vyarafashwe, ibisasu ntezwantoke 1.260 n’ibindi birwanisho birasamburwa.

 

 

17. Abajejwe intwaro n’abajejwe umutekano bararwanije bimwe biboneka urudandazwa rudakwirikije amategeko rw’ubutare, gutyo harafatwa   itoni zirenga 19 za karumbeti (coltan), itoni imwe n’igice ca gasegereti (cassitérite), itoni 7 n’igice za nickel, itoni 77 z’ikawa, itoni 2 z’isukari, itoni 71 z’imipfuko y’umwavu w’ikizungu, n’amaritiro y’ibinyobwa bibujijwe arenga ibihumbi 700 yafashwe agaseswa.

 

18. Mu bijanye na Poritike, abagize Inama Nkuru y’Igihugu ijejwe kunywanisha Abarundi, hamwe n’abagize Inama Nkuru y’Igihugu ijejwe gukinga ihonyabwoko, ivyaha vyo mu ntambara n’ivyaha vy’agahomerabunwa baraye bagenywe hisunzwe Amasezerano ya Arusha n’Ibwirizwa Shingiro.

 

19. Mu gisata c’ubutunzi, ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi carinjije imiriyaridi zirenga 753 ku miliyaridi 720 zari zitegekanijwe, hakaba hiyongeyeko ibice 18% dufatiye kuyegeranijwe mu mwaka w’2016.

 

20. Amasoko y’amakomine yari yashizwe mu minwe y’abikorera utwabo yarasubijwe amakomine ku rugero rungana 98%, ubutunzi bwayo buboneraho kwiyongera bigaragara; muri rusangi bukaba bwiyongereye incuro zine.

21. Mu mugambi wo kurwanya inzara, Reta yaratanze  amatoni 46.000 y’umwavu w’ikizungu, amatoni 9.266 y’ishwagara, amatoni arenga 32.000 y’imbuto zirobanuye z’umuceri, imitsinda y’ibitoke 46.500, ibiro 800 vy’imbuto z’imboga, ibiti vy’ivyamwa 20.000  n’imivyaro 500.000 y’amabungo.

 

Harakozwe kandi ubushakashatsi ku biterwa mbumbarugo bitandukanye nk’ibiraya, ibiharage, imyumbati, ibitoki, ibijumbu, amateke, n’ibindi.

 

22. Mu gisata c’ibiterwa njabukamazi, Imivyaro yababa umuriyoni n’igice yarahawe abarimyi, itoni zirenga 10.000 z’ikawa zaradandajwe, zinjiza amahera arenga imiriyaridi 52 z’ amahera y’amarundi, bisigura ko umwimbu wiyogereye ku bice 10%. Itoni zababa 10.000 z’icayi zaradandajwe ku mahera y’amarundi arenga imiriyaridi 46, amadorari y’abanyamerika ashika hafi imiriyoni 26 arinjira mu gihugu. Haratewe kandi imbuto nshasha z’ibigazi, ariko n’ibigazi vya kera bitibagiwe, hakaba hitezwe umwimbu ungana n’amatoni 20.000.

 

 

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;

 

23. Utwigoro tw’abenegihugu two guteza imbere igihugu twoba impfagusa umugambi w’igihugu wo kurwanya igiturire n’amabi agikomokako udashigikiwe na zina murundi wese.

 

Mw’irangurwa ry’uwo mugambi, amadosiye 242 yarakozwe, hibonekeza ko amahera y’amarundi yababa umuriyaridi n’amadorari y’abanyamerika ashika 500.000 ategererezwa kugaruzwa akinjizwa mu kigega ca Reta.

 

Harafashwe kandi ibidandazwa bitandukanye vyinjiye mu gihugu hadakurikijwe amategeko, harakorwa n’amatohoza mu buzi bwa Reta, aho haca hibonekeza hafi imiriyaridi 4 z’amahera y’amarundi zitashitse mu kigega ca Reta. Dusavye ababijejwe kwihutira kuyagaruza.

 

24. Mu gisata c’ubutungane, amasentare yaraciye imanza zishika 18.500, amahera arenga umuriyaridi arinjira mu kigega ca Reta biciye kuri sentare igwanya ibiturire n’ikigo kijejwe kwandika amatongo.

 

25. Igisata kijejwe kuburana imanza za Reta catumye Reta ikingirwa kuriha amahera arenga imiriyaridi 28 z’amahera y’amarundi n’amadorari yababa imiliyoni 225 ku vyerekeye imanza zaburanywe ngaha mu gihugu, hamwe na miriyaridi zirenga 14 z’amahera y’amarundi ku manza Reta yaburanye hanze, ni ukuvuga amadorari arenga gato imiriyoni 11. Ubushikiranganji kandi bwaragaruje amatongo yababa hegitari 544 yari yarigaruriwe n’abantu.

 

26. Ishirwa mu ngiro ry’ikigongwe c’Umukuru w’Igihugu ryatumye harekurwa abanyororo bangana 2.576. Ababuranyi bafise amikoro make hamwe n’abafise ubumuga bangana 1.511 bararonkejwe abashingwamanza bababuranira ku buntu. Ibitabu 9 vy’amategeko navyo vyari bisanzwe vyanditse mu rurimi rw’Ikinyamazuru vyarahinduwe mu rurimi rw’Ikirundi.

 

27. Mu gisata c’amagara y’abantu, umugambi wo kuvura ku buntu abana bari munsi y’imyaka itanu n’abakenyezi bibungenze warabandanije kandi uzobandanya no muri uyu mwaka dutanguye. Bitewe n’inyifato z’uburyarya, ingendo zigayitse no kurenza urugero zimaze kugaragara, Reta yarafashe ingingo zibereye kugira uwo umugambi urangwe n’ubutungane. Twipfuza ko uwo mugambi uba uw’Abarundi kandi bubaha amategeko agenga ingo n’imiryango.

 

28. Mu mugambi wo kurwanya marariya yari yabaye ikiza, ingo 2.243.645 zararonse imisegetera mu gihugu cose, hararwanywa kandi ingwara ya korera mu makomine ya Rugombo, Mpanda, Isare, Ntahangwa na Nyanza Lac. Reta yarabandanije gutanga ku buntu imiti ipfupfahaza ku barwayi ba SIDA, imiti y’igituntu n’iy’imibembe, abana nabo bararonswa incanco zitegekanijwe, kandi Uburundi buri mu bihugu vya mbere muri Afirika muri iyo migambi.

 

29. Mu gisata c’indero, harakwiragijwe ibitabu vy’abigisha n’ivy’abanyeshure bo mu mashure y’umwaka w’indwi mu gihugu cose; harashingwa itegeko rigarukira indero n’inyifato runtu vy’abanyeshure bo mu mashure shingiro ya Reta n’ay’abikorera utwabo; abigisha badafise amasaha akwiye bungururizwa mu yandi mashure akenye abigisha. Haratangujwe kandi inyigisho mu gice ca kabiri n’ica gatatu muri Kaminuza y’Uburundi arizo bita Master na Doctorat.

 

30. Mu gisata c’ubutare n’agataka, haratangujwe ibikorwa vyo gucukura ubutare bita akabuyenge muri komine Mutambu mu ntara ya Bujumbura, haratanguzwa n’ibikorwa vyo kwimba inzahabu, ifeza n’umujumbu i Mabayi mu ntara ya Cibitoke.

31. Mu bijanye n’umuyagankuba, harashizwe mu ngiro amasezerano hagati y’amashirahamwe REGIDESO na INTERPETROL yo kugwiza umuyagankuba ku rugero rwa 30MW, ubu umuyagankuba ukaba wariyongereye cane mu gisagara ca Bujumbura.

 

Haratangujwe kandi ibikorwa vyo kwubaka urugomero rw’umuyagankuba kuri Rusumo. Eka n’ibikorwa vyo gutanga umuyagankuba mu makomine atandukanye biriko birarangurwa, kandi twimirije kwubaka umuyagankuba ukomoka ku zuba mu ntara za Gitega, Makamba na Rutana.

 

32. Mu gisata c’ibikorwa vya Reta, haraherahejwe hongera harugururwa​ibarabara riva i Nyanza- Lac, rigaca i Mabanda rigashika i Mugina, igice ca mbere; iriva Nyakararo rigaca i Mwaro rigashika mu Kibumbu (30 km); ibarabara rikuru (RN 13), igice ca 2, riva i Butaganzwa rigashika mu Ruyigi (19 km), yose hamwe akaba afise uburebure bw’ibirometero 94. Haraguzwe kandi imodoka izimya umuriro ikorera ku kibuga c’indege.

 

33. Ibikorwa vyo kwubaka Ikirimba c’Umukuru w’Igihugu navyo biriko birasozerwa, tukaba tuboneyeho akaryo ko gushimira abo bose babandanya badusahiriza mw’iterambere ry’Igihugu, twongera tumenyesha ko Uburundi bwamaze kurengana urugero rw’imfashanyo zo kubaho ku musi ku musi, ico dukeneye nyabuna ni Intererano n’Ingurane zigenewe imigambi y’iterambere.

 

34. Mu bijanye n’iterambere ry’amakomine, ikigega FONIC cabandanije guha amakomine amahera yo kurangura imigambi, haratangwa n’ingurane ingana hafi imiriyaridi 35 ku bantu bashika 15.000 ngo barangure imigambi y’iterambere.

 

35. Mu bikorwa rusangi, Reta ifadikanije n’abenegihugu yarubatse amashure y’intango, ayisumbuye na kaminuza, amavuriro, amabiro y’Indongozi mu ntara, mu makomine no ku mitumba, amavuriro, ibitaro, ibibuga vy’inkino, amasoko, ibigwati, n’amazi meza.

 

Eka n’izindi nyubakwa zitandukanye zarubatswe mu gihugu nk’amahoteri yo kwakira ingenzi, amasengero, n’ibindi. Vyongeye, kuva dutanguye ibikorwa rusangi, uno mwaka ni ho twinjiye inyubakwa nyinshi kandi ziteye igomwe.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;

 

36. Turakeje bimwe bivuye ku mutima abo bose bitanze batiziganya mu bikorwa rusangi. Ni mukomere ku muheto.

 

37. Mu bikorwa twimirije kurangura harimwo:

 

• Kubandanya gutsimbataza amahoro n’umutekano no kurwanya ibikorwa vy’iterabwoba.

 

• Gusozera ibikorwa n’Imigambi bisigaye mu bitegekanijwe n’Ibwirizwa Shingiro.

 

• Inyigisho zidasanzwe zo kuzirikana Igihugu cacu zizobandanya, tuzokora ibishoboka vyose turandurane n’imizi imbuto mbi, cane cane y’amacakubiri yabibwe n’abakoroni muri Bene Burundi, gutyo dutegure kazoza keza k’Igihugu cacu.

 

• Tuzobandanya gutera akamo no kujijura abahunze ngo bahungukeke badatevye, baze kwifatanya na benewabo guteza imbere Igihugu.

 

• Abenegihugu bazohabwa ijambo bashikirize aho bahagaze, no ku migambi ihambaye y’Igihugu nk’uko twamye tubagisha inama.

• Ibikorwa nyezina vyo kwubaka Ikivuko ca Rumonge bizotanguzwa, Ikivuko ca Bujumbura naco gisanurwe.

 

• Tuzomenyekanisha ivyo dufise mu bisata nyamukuru vyohurumbirwa n’abanyamitahe.

 

• Umugambi wo kugwanya ibiturire n’urudandazwa rudakurikije amategeko uzobandanya.

 

• Ikibuga c’indege ca Bujumbura kizosubirwamwo kugira cisunge amategeko mpuzamakungu agenga indege n’ibibuga vy’indege, kijane n’ibihe n’iterambere ibindi bihugu bigezeko.

 

• Urwaruka ruzoronswa inyigisho zirufasha kwitegurira rwo nyene imigambi kandi rumenye rwongere rumenyere kwironderera akazi.

 

• Muri ico kigabane nyene, harategekanijwe ikigega kizoha ingurane urwaruka rwipfuza kwishingira imigambi y’iterambere.

 

• Hazosigwa kaburimbo kw’ibarabara riva mu Kibumbu rigashika i Gitega, iriva i Nyamitanga rigashika i Bujumbura; iriva i Ngozi rigashiga ku rubibe rw’Uburundi n’Urwanda, no kwegeranya uburyo bwo gusubiramwo ibarabara riva i Nyaza Lac rigana i Bujumbura riciye mu Rumonge.

 

• Hazokwubakwa n’amabarabara menshi y’imigenderanire, na cane cane ayashika ahari inyubakwa rusangi.

 

 

 

• Tuzobandanya imigambi ihambaye twatanguye nko kugabanya ubusumbasumbane bw’imishahara y’abakozi ba Reta;  kugwiza umuyagankuba; gukingira ibidukikije; kuvura ku buntu abakenyezi bibungenze n’abana bari munsi y’imyaka itanu; kwigisha ku buntu abana bo mu mashure y’intango; gutanga imisegetera, n’iyindi migambi myiza yo kuramira abenegihugu.

 

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;

 

38. Vyaba ivyaranguwe canke ivyimirije kurangurwa, ntitwobidondagurira rimwe. Tubaciriye ku mayange bimwe bimwe, ibindi navyo abashikiranganji n’izindi ndongozi zijejwe ibisata bitandukanye bazobandanya kubibashikiriza ido n’ido.

 

39. Dufatiye ku civugo ngederwako, umuntu yokwibaza ati none hokorwa iki kugira tuzirikane Igihugu cacu, tumenye iyo tuva n’iyo tuja? Reka tubacire ku mayange bimwe mu bitegekanijwe:

 

• Gufasha Abarundi kumenya neza amateka y’Igihugu baheze bayisunge mu gutegura kazoza. Muri iyo ntumbero, Umurwi w’Igihugu ufasha Abarundi kumenya Ukuri no kunywana waranaguwe, dusavye Abarundi kuwushigikira mu bikorwa vyawo.

 

• Guha ikibanza kibereye imico, imigenzo n’akaranga vyaranze Abarundi n’intwari zarwaniye Igihugu n’abandi bashize imbere Inyungu z’Igihugu.

 

• Kwiga no gutegura umugambi wo kwubaka Ikigo c’Imico n’Akaranga vy’Uburundi.

 

• Kujijura Abarundi, bamenye bongere bazirikane ko igihugu ari ic’Abarundi, ko ari twebwe nyene dutegerezwa kugitunganya, abadufasha bakaza tubibasavye kandi tuberetse aho dukeneye intererano yabo.

 

• Kumenya amateka n’amategeko y’Igihugu, kuyakwirikiza no kwubahiriza agateka ka zina muntu.

 

• Kuzirikana ko dutegerezwa gukingira ubwigenge bwacu no gutsimbataza Intahe y’Ukwikukira na Demokarasi.

 

• Gukomeza imigenderanire n’ibindi bihugu n’amashirahamwe vyubahiriza ubwigenge bw’igihugu cacu.

 

• Kwitegurira ubwacu imigambi y’iterambere kandi tukiga kuyirangura tutarinze kuzera inze.

 

• Gushira imbere urwaruka mu migambi yose, kugira rwige, rumenyere hakiri kare ko ibikorwa arivyo bizoruteza imbere bigateza imbere n’Igihugu.

 

• Gukingira ubutunzi bw’igihugu, kurwanya igiturire n’urudandazwa rutemewe n’amategeko.

 

• Gukomeza no gukingira ingo n’imiryango vy’Abarundi.

 

• Gufata Inginzo zibereye, umwe wese mu vyo ajejwe mu ntumbero yo gushira ibintu mu buryo no gutera iteka Igihugu cacu.

 

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi;

 

40. Imbere yo gusozera, twashaka dusubire kubibutsa ko dutegerezwa guhinduka no guhindura ingendo, aho turi hose tukarata ubwiza bw’igihugu cacu citwa Uburundi, tukagaragaza akanyamuneza ko kwitwa Abarundi kandi tukabigendera. Ni iteka rihambaye. Dufise Igihugu ciza kirimwo vyose abandi bahurumbira. Twambaye ikirezi, igisigaye ni ukumenya ko cera no kwirinda ko hari uwokitwambura.

 

41. Ese Abarundi twese twogaruka kw’Iragi rya ba sokuru. Kuva ku ntwaro z’Abami gushika mu gihe co guhabuza Intahe yo Kwikukira, Imana yamye ari Umucisho, Umuheto n’Inkinzo vy’Uburundi n’Abarundi. Imana-Umwami-Uburundi cari Icuvugo c’Ingoma y’Uburundi. Natwe ntiduhengeshanya kuririmba ngo «Burundi bwacu… Imana yakuduhaye ikudutungire».

 

Kurya Imana itigeze itetereza ba sokuru na ba sokuruza, niko natwe itazodutetereza ni twayiyegereza kandi tukayishira imbere mu migambi n’ibikorwa vyacu.

 

42. Ikindi gihambaye co kwitwararika, ni uko ibihe vyahindutse. Dutegere rero ko guhinduka kw’ibihe gutegerezwa kujana no guhinduka kw’abantu mu vyiyumviro n’inyifato, tuvyare abo dushoboye kurera, twirinde gusiga umuryano mu muryango. Tuboneyeho akaryo ko kugabisha abatitavye akamo ko kwandikisha abagize ingo zabo nk’uko bisabwa n’Itegeko rigenga ingo n’imiryango ko kugarariza bihanwa n’amategeko.

 

43. Turamaze imisi dutanguye Urugendo ruzodushikana ku kwikukira nyakuri, aho Umurundi n’umunyamahanga wese aba mu Burundi bazokwigaba bakigaburira, bagatunga bagatunganirwa, bakishira bakizana, bakaramutswa iteka n’itekane, bakongera bagatunganya imigambi y’iterambere batarinze kuzera inze. Ubwo ni bwo Burundi twipfuza kuzoraga abana bacu.

 

44. Iryo hangiro ntitworishikako tutazirikanye ko Uburundi ari Umurima w’isangi twasangijwe n’Imana, maze twese tukijukira kububungabunga no gusabikanya itunga rusangi, Ubutungane n’Ingingo bikatubera inkingi n’inkinzo, tugahinda ikibiri atawukebera uwundi, tukaragirana atawusobanurira uwundi, tugasangira ikivi n’ikigega, tugasangira akabisi n’agahiye, tukama twibuka ko dusangiye ugupfa no gukira.

 

45. Mu ntumbero yo gusasagaza amahoro, iteka n’itekane mu gihugu, twisunze Ingingo y’113 y’Ibwirizwa Shingiro, tugiriye Ikigongwe abakatiwe gupfungwa imyaka itarenga itanu, Abakenyezi bibungenze n’abonsa, abagendana ubumuga bugaragara, abamaze mu mvuto ica kabiri c’ikiringo bakatiwe, n’abandi; bose hisunzwe uburemere bw’ivyaha bagirizwa n’inyifato yabo mu mabohero barimwo.

 

46. Kubera iyo ngingo, abanyororo barenga 2000 bagiye kwidegemvya. Tubasavye kwirinda ico cose cotuma igiti kibakora mu jisho kabiri.

 

47. Mu kurangiza, twashaka kubararika ngo muze mwitabe nihagera kuvuga aho muhagaze ku mpinyanyuro z’ingingo zimwe zimwe z’Ibwirizwa Shingiro ry’Igihugu. N’iki ni igikorwa c’iteka umwenegihugu wese atokwidohoramwo, na cane cane iyo  yemera ko  yikukiye kandi ko n’Igihugu ari iciwe.

 

 

48. Tuboneyeho akaryo ko gushimira abamaze kugaragaza umutima wo gukunda Igihugu cabo no gutsimbataza Intahe yo Kwikukira mu gushikana intererano zabo aho zagenewe, twongera dusaba abasigaye kwifatanya na Benewabo. Ku kaba nkako, ni igikorwa c’iteka cavuye mu nama n’ingingo, kizotuma Abarundi twishingira Amateka n’Amategeko bidushikana ku migambi n’imigabo ifasha Abenegihugu gushikira Iteka n’Itekane.

 

49. Mubandanye mwigina umwaka mushasha munezerewe, mwongera mwitaba n’imirimo yanyu, ariko mudasinzira umukondorazosi canke ngo musesagure. Abajejwe Intwaro, abajejwe Umutekano n’abajejwe Ubutungane, tubasavye kwama barikanuye nkuko bama, kugira amahoro n’umutekano ntibihungabane muri iyi misi y’akanyamuneza ka Noweli n’umwaka mushasha.

 

50. Dutangarije Abarundi bose ko Umuco n’Ubwiza bw’Uhoraho bigiye kwigaragaza ku Burundi n’Abarundi mu mwaka w’2018. Vyongeye, ivy’Uburundi bigiye kubaduka; Imana Mushobora vyose niyo cabona.

 

51. Turasubiriye kubipfuriza mwese umwaka mwiza w’2018, umwaka w’Amahoro y’Imana no kuroranirwa muri vyose na hose. Tuwuhimbaze twese twitwararitse kazoza keza kacu n’ak’Igihugu. “Tuzirikane Igihugu cacu, tumenye iyo tuva n’iyo tuja”.

Umwaka mwiza!

Imana ihezagire Uburundi