Ijambo Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu ashikirije yugurura ibikorwa vy’umurwi CNDI

Batumire bahire,
Barundi, Barundikazi, Benewacu

1. Imbere ya vyose tubanje gushimira Imana Mushoboravyose idushikanye kuri iyi ntambwe ihambaye, mu nzira yo gushigikira no gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gihugu, mu Burundi bwacu, Imana yaduhaye kandi ituzigamiye.

2. Nkuko mubizi, duherutse gushiraho umurwi w’igihugu ujejwe gukurikirana no kuringaniza ibiganiro hagati ya Bene Burundi, ugizwe n’abarundi 15 bava mu bisata bitandukanye vy’igihugu.
Uyu musi rero turamutse tubashikiriza twongera dutanguza icese imirimo abagize uwo murwi bagiye kurangura.

3. Turakeje abo batewe iteka ryo kuba mu bawugize, ariko tukabasaba gukora nk’abikorera, bisunga ukwubahiriza agateka ka zina muntu, amategeko agenga igihugu, ukunywanisha abarundi hamwe no gutsimbataza amahoro, umutekano, iterambere, imibano myiza n’ubumwe mu barundi.

Batumire bahire,
Barundi, Barundikazi, Benewacu;

4. Mu Burundi bwacu, ibiganiro vyamyeho. Abarundi bagize ico badahurizako baricara hamwe bakaganira, bakahava bapfunditse ijambo rimwe biciye mu nama n’ingingo. Ni co gituma n’uno musi ukwo kuyaga, ukwo gusangira ijambo kw’abenegihugu arikwo dushaka gusubira kunagura no gushimangira mu gihugu cacu.

5. Iyo ngendo nziza yo kuja inama n’ingingo kugira twubake igihugu catwibarutse si iy’uno musi, ni ko vyari bimeze imbere yuko abakoloni baza mu Burundi. Abarundi bamye baja inama n’ingingo bari inyuma y’umwami.

6. Aho Uburundi buronkeye intahe y’ukwikukira, abarundi babandanije iyo ngendo, bagatorera umuti ibibazo vyabo atawubahagaze ku gakanu. Abakoloni baje gusambura ivyo abarundi bari bapfunditse ku buryo ingaruka ry’igandagurwa ry’incungu y’uburundi Umuganwa Rudoviko Rwagasore yaharaniye ukwikukira kw’igihugu cacu tukizibona no muri iki gihe.

7. Abarundi bamanye ingendo n’inyifato yo gukunda igihugu cabibarutse. Nimuze dukomeze kandi tugendere iryo ragi ryamyeho, twarazwe na basokuru n’ababaye imboneza mu kurondera intahe y’ukwikukira no kuzana demokarasi mu Burundi. Nidukunde rero igihugu cacu, kuko ni impetso ya twese. Umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore hamwe n’incungu ya demokarasi Melchior Ndadaye nibatubere akarorero, ubutwari bwabo nabwo butubere icigwa co kurushirizaho gukunda igihugu cacu, aribwo Burundi bwacu.

8. No muri kahise, nitwibuke ingene Umwami Ntare Rugamba, ashigikiwe n’ingabo z’igihugu n’abenegihugu, barwanije umwansi gushika Uburundi buronse imbibe zabwo. Ivyo vyose babikoze babanje kuja inama n’ingingo hagati yabo.
Nitwibuke kandi ingene Umwami Mwezi Gisabo yarwanije Rumaliza, agatana mu mitwe n’abadagi, aho hose afatanije n’ingabo z’igihugu n’abenegihugu bafatanye mu nda, ata wandya wangura, kubera umutima wo gukunda igihugu bari bafise.

9. Nta tudumbidumbi rero twigeze twigira ivyo dushaka, kuko abarundi, bafatanije n’indongozi zabo baca bava hasi, bakagira urunani rwintamenwa, bakarwaniriza umwansi hamwe. Nimuze rero tuje hamwe dutorere umuti ibibazo vyacu atawigize sindabibazwa, nkuko abakurambere babitweretse kandi babituraze.

10. Nitwame tuzirikana ko igihe cose abarundi bagiye hamwe, bamye batorera inyishu zirama ibibazo baba bafise. Tumenye ko ugutituka kw’igihugu biva mu macakubiri, ivyo navyo bigatuma akanovera k’igihugu gatakara.

11. Birababaje kubona hariho abarundi benewacu bigira ba sindabibazwa, ugasanga mbere hari abigenza nk’abacangero mu gihugu cabibarutse. Twese tugaruke kw’iragi rya ba sokuru ryo kuja inama n’ingingo, nakare ibigiye inama bigira Imana.

Batumire bahire,
Barundi, Barundikazi, Benewacu

12. Kuva na kera, abarundi bamye baja mu bihugu vyo hanze, haba muri Afrika, mu za Bulaya, muri Amerika, muri Aziya, eka mbere kw’isi yose. Ubwenge barahurayo babuzana kubukoresha mu kwubaka igihugu cabibarutse, iterambere rikigaragaza mu nyubako canke mu bindi bisata.

13. Aha mbere tuboneyeho akaryo ko gushimira abarundi batari bake mu baba mu mahanga, bamaze kugaragaza akatari gake ko bafise igihugu cabo ku mutima, mu kwitwararika iterambere ry’igihugu c’amavukiro, mbere bakanafata mu mugongo benewabo, cane cane mu bikorwa vy’iterambere rusangi, haba mu vy’ubuvuzi, amagara y’abantu, ibidukikije, ubutunzi, guteza imbere uburimyi, ubumenyi n’ibindi. Vyongeye, bama baza guterera ivyiyumviro mw’iterambere y’intara n’amakomine. Baragahora gurtyo, uko ni ko gukunda igihugu. Turabibashimiye cane.

14. Ariko, hariho abandi barundi bari mu mahanga bagiyeyo atawubirukanye, bahunze gukurikiranwa n’ubutungane kubera ivyaha bagirizwa. Hari n’abandi vyanagaragaye ko bagize uruhara mu kurondera gutembagaza ubutegetsi bwishiriweho n’abenegihugu. Hari mbere n’abavurwa mu vyegeranyo vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bagirizwa ko bari mubatera uruhagarara muri kano karere.

15. Leta y’Uburundi yashaka gusubira kwibutsa yuko ivyo biganiro, naho ata n’umwe bikumira, bitazoza bihagarika igikorwa c’ubutungane, canke ngo habe ukudahana ivyaha mu gihugu cacu.

16. Hari kandi umurwi w’abarundi bagiye hanze mbere bakoresheje uburyo bwa Leta, uburyo bw’abanyagihugu. Muri bo, hari n’abafise ubwenegihugu bw’ivyo bihugu barimwo, basanzeyo imiryango yabo. Abo rero nibareke gusamaza amakungu, kuko n’amatungo yabo Leta yiyemeje kuyacungera, kandi n’ubu turabikora. Vyongeye, muri bo bafise imiryango yabo ngaha mu Burundi, aho bifatanya na benewabo kubaka igihugu cabo ata nkomanzi.

17. Ntibikiri agaseseshwarumuri, mu barundi bari hanze biramaze kwigaragaza ko hari abafise umutima wo kwubaka igihugu cabibarutse, ni nabo benshi, ariko kandi hari n’abataye umurongo barota gusambura.

18. Hari abarundi benshi bari hanze, mbere nka bose bafise umutima wo kwubaka igihugu cabo n’abandi bari kurushi bataye umurongo bafise agaima ko gusanmbura ku bw’inyungu z’abo bakorera gusa, Atari iz’abarundi benewabo. Abo rero turabakebuye ngo bave i buzimu baje i buntu, baze bafashe kwubaka igihugu cabibarutse. Ntihagire umurundi ari hanze asubira kwiyumvira ko aruta abasigaye mu gihugu, narirya abatari bake bahasize imiryango yabo. Kandi abarundi twese turangana imbere y’amategeko mu kwubaka igihugu cacu aribwo Burundi bwacu.

19. Ni muri iyo ntumbero yo kuja inama n’ingingo twashizeho uyu murwi, kugira ngo nabo bikebuke, bafate inzira yo kwubaka igihugu cabibarutse nk’abandi, kuko igihugu kidukeneye twese.

20. Barundi, Barundikazi, na cane cane mwebwe mwagomwe ngo murongore uyo murwi, turasubiye kubibutsa ko igihugu cose kibahanze amaso, kandi ko citeze ko muzokora ataho mwegamiye. Mu bikorwa mujejwe, harimwo gutunganya ibiganiro mu gihugu cose kandi kuri bose, mutibagiye na benewacu bari mu mahanga.

21. Harimwo kandi ibibazo bijanye na politike, imibano, ubutunzi, ugutsimbataza amahoro n’umutekano, amasezerano y’amahoro y’i Arusha, Ibwirizwa Shingiro, amasezerano yo guhagarika intambara burundu, amasezerano y’ubumwe bw’Abarundi n’ayandi masezerano yose, inyigisho zo gukunda no gukundisha igihugu, n’ibindi.

22. Uwo murwi mugize ufise ikiringo c’amezi atandatu ariko gishobora kwisubiriza. Uzoshikiriza icegeranyo Umukuru w’igihugu uko amezi atatu arangiye, nawe akoreshe ububasha ahabwa n’amategeko, kugira ibishobotse bije mu ngiro. Ico cegeranyo kizoshikirizwa kandi inzego z’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka.

23. Imbere yo kurangiza, twashaka dusubire gushimira abagenzi n’incuti z’Uburundi, n’abo bose badahengeshanya kudufata mu mugongo mu mugambi wo kuronderera amahoro arama igihugu cacu. Ariko rero nta mfashanyo yo guteranya no gucanishamwo abarundi dukeneye. Dukeneye imfashanyo yubaka Uburundi n’ubumwe bw’abarundi ariko zitadusambura.

24. Turaritse Abarundi bose, abari mu gihugu n’abari mu mahanga ngo batērêre ico bashoboye kugira uyu mugambi wo gukomeza amahoro, umutekano, iterambere rirama n’imibano myiza, uje mu ngiro koko, na cane cane mu kwitaba inama zose zizotunganywa mu gihugu cose, no hanze y’igihugu mu gihe vyoba ngombwa.
Ahacu Leta ntaco itazokora kugira ngo ivyo biganiro vy’abarundi bigende neza, kandi bizana umuti urama mu gihugu cacu c’uburundi.

25. Mu gusozera, twashaka gushimira abarundi bose, cane cane inzego z’umutekano ku kungene baguma bagaragaza ko bahagarariye amahoro n’umutekano vy’igihugu cabibarutse, ndetse bakitanga no mu gufasha mu bindi bihugu.
– Mwame muzirikana ko ata muntu n’umwe azoza akunda uburundi kurusha abarundi benebwo hamwe n’Imana yaburemye.
– Mwame muzirikana ko ata muntu n’umwe azoza akunda uburundi kurusha abarundi benebwo hamwe n’Imana yaburemye.
– Mwame muzirikana ko ata muntu n’umwe azoza akunda uburundi kurusha abarundi benebwo hamwe n’Imana yaburemye.

26. Ni kuri ayo majambo dutanguje icese ibikorwa vy’umurwi w’igihugu ujejwe kuringaniza no gukurikirana ibiganiro hagati ya Bene Burundi.

IMANA IHEZAGIRE UBURUNDI N’ABARUNDI.
MURAKOZE.