Ijambo rya Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu yugurura ihuriro ry’urwaruka umwaka w’i 2016 i Gitega

  1. Imana Mushoboravyose nihabwe icubahiro kubona yaratugabiye ku buntu bwayo igihugu ciza, aribwo Burundi bwacu.

 

  1. Turabahaye rero ikaze muri ino nama idasanzwe mwagenewe, mwebwe urwaruka, tukaba kandi tubashimiye mwebwe mwese mukoraniye ngaha muserukira abandi, kubona mwemeye kugira ingendo ndende ngo mwitabe iyi Sabukuru y’urwaruka.

 

  1. Mwaje muri benshi muhurira hano mu gisagara ca Gitega, umutima w’igihugu, kugira ngo muganire mwongere muhanahane ivyiyumviro mwisunze iki civugo gihambaye gishingiye ku mwibutsa w’abasokuru uvuga uti: « UJA MU KIBIRA UTAZI UGACA INKONI UTAZI ».

Batumire bahire,

Rwaruka,

Benewacu,

 

  1. Mu gihe umuntu yinjiye mw’ishamba rizitanye atabanje kuritata canke ngo abe afise uwurizi amuja imbere, nta nkeka ko ahakwa cane kwihenda no kutaronka ico yarondera, mbere akazimira. Ivyo birumvikana, kandi vyofasha gutegera gatoyi ivyagiye birashikira igihugu c’Uburundi muri kahise ka kure n’akahafi.

 

  1. Igihuhusi kimaze imisi kivumbura mu gihugu cacu carerekanye neza yuko bamwe mu rwaruka rwacu rushobora guhendwa bitagoranye, rukajuragizwa n’abategerezwa kurwereka wa mwonga uhuma n’uwudahuma. Ivyo birateye agahinda. Birababaje kubona urwaruka rwama rugwa mu mitego y’abantu barukoresha ishano, barangiza imigambi mibi yabo bakarwihakana canke bakaruta nk’akanuka.

 

  1. Ukwo ni ko kuri kubishe kubona no kwumva, kandi ni ko twashaka kubakingira ngo ntimusubire kujana nyabahururu. Jewe ndi aha, ka mukurwanyu n’Umukuru w’Igihugu, nipfuza ko ako kabi katosubira. Numva mfise itegeko mpamagariwe ryo kubafasha ngo mubandanye urugendo mudatsitara muri iyi nzira yuzuye amabuye, mbere hamwe hamwe mugahura n’igipfungu kibazibira amaso.

 

       Rwaruka,

       Benewacu,

 

  1. Muri iyi myaka icumi irangiye, Leta y’Uburundi ntaco itagize ngo ishigikire yongere iteze imbere agateka k’ibibondo n’ak’urwaruka.

Igihe Twatangaza icese ko abana bagiye kwiga ku buntu mu mashule y’intango, kwari ukugira ngo abana b’Uburundi bose bashobore kugira amahirwe angana mu bijanye n’inyigisho n’indero.

Ku bw’ivyo, harubatswe amashule menshi kandi uwo mugambi urabandanya. Turabashimiye cane kuko ahanini n’urwaruka mu bikorwa rusangi. Mwaragize uruhara ntangere no mu bindi bikorwa vy’iterambere rusangi, haba mw’iyubakwa ry’amavuriro, ibitaro, ibiro vy’indongozi ku rwego rw’intara n’ama komine, ibibuga vy’inkino, gukingira ibidukikije, gusanura amabarabara, n’ibindi… Iryo terambere rusangi turikesha urwaruka. Mwabigizemwo uruhara ku bice 80%.

 

  1. Twaratanguje mbere n’ishule shingiro kugira ngo mu nyigisho zitangwa bisunge ivyo igihugu gikeneye koko, urwaruka narwo rushobore kurindirira kw’ishule imyaka yo kwitunganiriza ivyarwo;                 Kwari kandi ukugira dufashe urwaruka gutera imbere mu vy’ubuhinga n’ubumenyi biboneka, rushobore kwibwiriza no kwiyumvira rwonyene imigambi y’iterambere ryarwo n’iry’igihugu. Ni uko rero, ishule shingiro ryaje ngo turonke akarusho nkaka:

 

  • Ishule ritunganijwe hisunzwe ibihe turimwo be n’akazoza ;
  • Ishule ryegereye abenegihugu,
  • Ishule riha amahirwe bose,
  • Ishule rikenewe mu banyagihugu,
  • Ishule ry’uruhara ry’urwaruka mw’iterambere.

 

  1. Mu kwihitiramwo Ishule Shingiro, Leta yafatiye ku ntumbero nyamukuru yo kuvavanura n’ingendo y’inyigisho aho umuntu avangatiranya ivyigwa vyose adacagura, maze akibanda nyabuna ku bijanye n’ubumenyi bwa none, ku buhinga no ku myuga abantu bakeneye. Umwuga nawo urakiza, kiretse uwo kuroga nkuko ba sokuru bayamaze!

 

  1. Muri iyo ntumbero nyene, no kugira turwanye « ubushomeri » twarashize ku rutonde icirwa co kwitunganiriza imigambi (Entrepreneuriat) kugirango abanyeshure bamenye ukuntu botanguza bonyene imigambi ibateza imbere, batange akazi ku bandi, maze urwaruka rwoye kwama ruzeye akazi kuri Leta.

 

  1. Iryo shule shingiro riri mu bihugu vyinshi cane kw’isi, ndetse no mu karere, ryabereye inyishu urwaruka aho hose baryitayeho.

 

  1. Twisunge ururirimbo ruhayagiza igihugu cacu, ruvuga ngo: “Tugutuye amaboko, umutima n’ubuzima, Imana yakuduhaye ikudutungire”, bisigura gukunda igihugu ciza Imana yaduhaye no kucitangira mu kugitunganya neza.

 

 Rwaruka dukunda,

Benewacu,

 

  1. Mu gihe mubonye mwicarana mu mashure y’intango, Ayisumbuye na Kaminuza, ntimushobora kwibaza ukuntu muri n’Imana. Zarabahaye mwaruka ibintu vyarahindutse, aho umwe wese ashobora kwiga ivyo yishakiye vyose. Benshi mu bavyeyi banyu, ba sowanyu na ba nyokorome, ba nyokwanyu hamwe na ba nyogosenge baripfuza kuba nkamwe muri urwo rugero bikanka. Iyo umuntu yambaye ikirezi ntamenya ko cera. Na kare umuntu wese agira igihe ciwe.

 

  1. Iruhande y’utwigoro twa Leta two kunagura inyigisho n’ivyigwa mu gihugu, twaratanguje politike yo kugwiza ubuzi no kwitunganiriza imigambi y’iterambere. Mu bisata vyinshi vy’ubuzima bw’igihugu, haratunganijwe indinganizo n’imigambi y’iterambere vyatumye urwaruka ibihumbi n’ibihumbi ruronka akazi; urwaruka mufise uruhara nta ngere mw’iterambere ry’imiryango n’igihugu, bisaba kwitanga hakiri kare.

 

  1. Vyongeye, mu gutanguza inyigisho zo gukundisha igihugu, twashaka yuko umutima wo kwitangira abandi wokomera ukuruta, ariko tukipfuza kandi gufasha urwaruka ngo rukurane iryo shaka ryo kwiyumvamwo igihugu carwibarutse, gushika naho rwoheba ubuzima bwarwo ngo igihugu n’abavukagihugu bashobore gukira no kubaho bubashwe kandi biyubahiriza.

 

  1. Mu kubaho kwacu rero, umuntu wese arakeneye uwo yofatako akarorero, akama arondera kumwigana. Kuri twebwe Abarundi, akarorero ka mbere ni ukukarondera mu mico myiza yamye iranga abasokuru. Aha twovuga nko gutinya no kubaha Imana (kwemera), ukubana neza n’abandi, ugufashanya, umutima w’ubumwe nyabwo, uguhana indaro, ugusonera murundi n’utwiwe, ukwubahana, ugutega amatwi abakurambere, ukudatwarira hejuru, ugukunda ibikorwa, kandi ibikorwa vyiza, ubutwari, ubugabo, ubwitonzi, ubwenge, urupfasoni, n’ibindi…

 

 Batumire bahire,

Rwaruka,

 

  1. Mu gihe Umuganwa Ludoviko Rwagasore yaja imbere Abarundi ngo biyamirize intwaro y’igikoloni, ntiyarenza imyaka 29. Eka na twebwe nyene, mu gihe twafata umuheto ngo duhabuze intwaro ya Demokarasi mu mwaka w’1994, abenshi muri twebwe, ari bo barongozi uno musi, twari muri iyo myaka nyene.

18.Bisigura yuko mufise igikorwa gihambaye, mu gihe hageze guharanira inyungu z’igihugu n’abenegihugu, guteza imbere no gusubiza ishusho nziza Uburundi bwamanye mu makungu. Ntihagire uwitwaza ubuto bwiwe canke ngo kutaba yabonye vyinshi, kuko mu kirundi bavuga bati :

« Ndacari muto, ni bwo butindi.»

 

  1. Dufate rero ko mukoraniye ngaha muri urwaruka rukuze, mukaba mufise imyaka iva kw’18 gushika ku 35. Twashaka kubamenyesha yuko dutegera rwose icipfuzo canyu co gusangira n’abandi ibibanezera n’ibibababaza. Murumva cane yuko mukeneye kwerekana ico mumaze, haba mu mirimo canke mu mibano. Iyi nama idasanzwe yahariwe urwaruka yateguwe ngo ibibafashemwo. Muzohakura umuco ukwiye, maze muronke impanuro muzogendera kugira ntimuzimire. Vyongeye, muhorane ubumwe n’abagabo n’itekane, niho igihugu kizotekana.

 

  1. Turizeye yuko abatowe ngo babashikirize inyigisho ari abahinga koko babishoboye, haba mu vyerekeye indero canke kahise k’igihugu cacu. Tubararitse ngo mubatege abiri, kuko izi nyigisho ni imbonekarimwe muzifate nka nkama.

 Rwaruka,

Benewacu,

  1. Ni nkenerwa ko muha intumbero ubuzima bwanyu guhera ubu nyene. Iri huriro niribafashe kuzirikana ku bibazo ngenderwako mu buzima bwanyu. Umwe wese yibaze ico ashaka kuba, ico yipfuza gushikako n’inzira yofata kugira ngo ashikire ihangiro yihaye ku neza ubwa mbere y’igihugu, abenegihugu, umuryango, niho nawe uzotunganirwa.

 

  1. Nimwitegurire neza kazoza ku buzima bwanyu, ni ukuvuga  kugera mu bigero hamwe n’izabukuru. Ejo ntihagire uwuzokwicuza ngo iyo menya, canke ngo aterwe isoni no kuba yaravukiye akongera agakurira mu Burundi. Ni mutangure gutegura kazoza kanyu kuva uno musi.

 

  1. Ni ibisanzwe ko umuntu yibaza ibibazo vyinshi kandi akagira n’umwitwarariko mu buzima bwa misi yose. Inama nziza tubagiriye, ni ukwirinda kujana nyabahururu. Mwame na ntaryo mwibuka ko imbwa yihuse ikavyara ibihumye, ariko ko bukebuke bushikana umusiba ku mugezi, kandi bugakomeza igihonyi.

 

  1. Ivyo mukora vyose mubikorane ubwitonzi, mutibagiye umwete n’ubwira vyamye biranga ba sokuru na ba sokuruza. Ntimugire igihababu c’amaronko, kanatsinda ntivyerera inzara, vyerera igihe.

 

  1. Iri huriro ry’Urwaruka rishitse mu gihe hari bamwe mu rwaruka bamaze imisi bikubise agashi. Abo nabo bakaba bari bakurikiye inyosha mbi n’iyindi mirwi yahisemwo inzira za ba sesankuyoze.

26. Turakeje urwaruka rwinshi cane mwagumanye umutima kandi mwagumye muhagaze neza. Turakeje kandi urwo rwaruka rwahisemwo neza mu kugaruka mu ruhongore, kandi turizeye ko ruzobera akarorero abandi. Tuboneyeho akaryo ko gutera akamo abavyeyi, abarezi, abigisha, tutibagiye abo bose bafise uruhara mu ndero y’urwaruka, ngo barushirizeho kwitaho no gukurikirana indero y’abo bajejwe. Umwe wese mu vyo ajejwe, yame yitwararika na ntaryo ko ahamagariwe kurerera Uburundi. Ku bitwerekeye, turabaremesheje ko tutazohengeshanya kubashigikira, twongera tubereka inzira itazimiza, tubarere mu ndero ndundi nk’Abarundi benewacu.

  1. Mu gusozera, twashaka gushimira bivuye ku mutima, zina muntu wese afise uruhara mu gufasha urwaruka, haba mu nyigisho ntangabumenyi, mu ndero, mu buhinga, inkino n’imico kama. Ntitwokwibagira n’abatunganije iri Sabukuru ry’urwaruka. Umwe umwe wese mu vyo ajejwe, turamukengurukiye cane.

 

  1. Ni kuri ayo majambo yo gushima turangije, tumenyesha ko dutanguje icese ibikorwa vy’Isabukuru ry’urwaruka ku rwego rw’igihugu.

 

NI HAHANGAME UBURUNDI BWACU,

 

NI HAHANGAME URWARUKA RW’INDERO,

 

MURAKOZE CANE!