Itangazo ry’umuvugizi w’Umukuru w’Igihugu inyuma y’urupfu rw’umuvyeyi w’Incungu ya demokarasi

IBIRO VY’UMUKURU W’IGIHUGU

             

IGISATA C’UMUVUGIZI W’UMUKURU

                        W’IGIHUGU

ITANGAZO

Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu akaba na Sebarundi yakiranye umubabaro mwinshi urupfu rw’umuvyeyi yari asigaye w’Incungu ya Demokarasi mu Burundi, rwashitse kw’igenekerezo rya 27 Nzero Umwaka wa 2018.

Uwo muvyeyi twabuze tutanka yaranzwe n’umutima w’urukundo, impuhwe, ikigongwe, hamwe no kuremesha abandi. Ivyo yarabigaragaje cane mu misi yakurikiye igandagurwa ry’umwana wiwe akaba n’Umukuru w’Igihugu, Nyenicubahiro Melchior Ndadaye.

Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu arahojeje abasigwa b’uwo muhisi, incuti n’abagenzi babo, atibagiye abakunzi ba Demokarasi n’Abarundi yabereye imboneza, akarorero n’urumuri rutazimiza.

Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu asavye Reta y’Uburundi gutegekanya ibikenewe vyose kugira ngo uwo muvyeyi adasanzwe ashinguranwe iteka.

Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, nk’uko yavyiyemeje kuva mu mwaka w’2005 aboneyeho gusubira kuremesheje abasigwa ba Melchior Ndadaye abamenyesha ko azokwama hafi yabo akabashigikira adahengeshanya.

Sebarundi arangije asaba Imana Mushoboravyose kwakira mu birimba vyayo uwo muvyeyi yaraye ashengeye no kubera umuhoza na Kiremesha abasigwa b’umuhisi Tereza Bandushubwenge.

                           

                                                                Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 28/01/2018

                                                              J.C Karerwa Ndenzako

                                                                                              

 

                                                                                          Umuvugizi.-