IJAMBO RYA NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU RYO KWINJIRA INGORO ” NTARE RUSHATSI”

Banyakwubahwa mwese, Batumire bahire

1. Mudukundire tubanze dukengurukire Imana Mushoboravyose yatubungabunze gushika kuri uno musi kandi yadushoboje kwubaka tukuzuza iyi ngoro iteye igomwe, kandi iteye iteka Uburundi.

2. Iri genekerezo rya 27 Nyakanga 2019, ni umusi w’intibagiranwa mu mateka y’Uburundi. Umurundi wese aho ari arakwiye kwishima akishimiriza, turateye intambwe idasanzwe mu buzima bw’Igihugu cacu.

3. «Gira aho uba wubahwe, Gira aho urara uharamutswe». Turasezeye gusembera. Turasezeye akagaye n’agasuzuguro ku Gihugu cacu c’Uburundi.

Barundi Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi, Batumire bahire;

4. Kwinjira inyubakwa nshasha ni umwe mu migenzo yamye iranga Abarundi kuva kera na rindi. Aho hambere hoho ikibanza, cubakwamwo inzu babanza kugisengera hanyuma incuti n’ababanyi bagatorana bagahumbira, bagataba kandi bakubaka.

5. Inzu yuzuye barayigina mu gusangira ubwururukanzu, hanyuma bakirukana ibisigo. Aho kwari ukweza inzu nshasha, kiyityorora no kuyegurira Imana. Umugirwa wa nyuma ujana n’inzu kwari ukuyinjira, incuti n’ababanyi bagatumirwa kandi bagatererezwa, bagatota umugerero mushasha kugira ngo haze haberere, herere inka n’ibibondo.

6. Uwo mugenzo mwiza rero ntitwowudeha, na kare ngo «Uta akaranga ukaba utaye akaranga, ugatorana akaranda». Iyo biba vyashoboka, twari gutumira Abarundi bose kuko iyi ngoro ni rwabo. Abatashoboye gushika aha bategere ko ari ba bakunzi badaherera mu mubindi.

7. Iyi Ngoro tuyikesha Imigenderanire myiza no gufashanya hagati y’Ubushinwa n’Uburundi haraciye imyaka 56. Ico dukundira Ubushinwa kuruta ibindi, ni uko ari ya ncuti itari incuririzi musangira akabisi n’agahiye mu mahirwe no mu marushwa.

Banyakwubahwa mwese, Batumire bahire;

8. Iyi ngoro twayitiriye «Ntare Rushatsi»; Umwami dukesha Uburundi, Imfura y’Uburundi akaba na Seburundi. Uno musi, n’ejo na hirya y’ejo, nta Murundi n’umwe azokwigera ashikira NTARE RUSHATSI. Reka tubacire ku mayange bimwe mu vyaranze uwo Mwami Rurangiranwa twashimye kwitirira iyi Ngoro.

Ubwa mbere: Yakuye ubusimbirahamwe n’akajagari vyaranga abakuru b’imiryango.

Ubwa kabiri: Yahumurije Abarundi mu kurwanya igikenye n’agahotoro.

Ubwa gatatu: Yazanye ubumwe hagati y’imiryango.

Ubwa kane: Yabaye amirukiro kuri bose kuko yari hejuru y’imiryango.

Ubwa gatanu: Yazanye Ubutungane n’Ingingo ahahora uburyarya n’ingimba.

Ubwa gatandatu: Yeguriye Uburundi Imana:IMANA-UMWAMI-UBURUNDI

Ubw’indwi: Yatoye Abagabo mu miryango yose, abashinga ibisata bitandukanye afatiye ku vyo umwe umwe ashoboye.

Ubw’umunani: Yari azi guhitamwo neza abafasha: Kiranga na Ngoma ya Sacega.

Ubw’icenda: Yatanguje umugirwa wo guhezagira Igihugu c’Uburundi n’Abarundi, imbuto n’ibitungwa ku musi w’Umuganuro.

Ubw’icumi: Yatanguje Ingoma y’Uburundi n’Ibimenyetso vy’Ubwami.

Ubw’icumi na rimwe: Ni we citegererezo c’Ubuhizi, Ubutwari n’Ubutore ku Barundi bose.

Ubw’icumi na kabiri: Ni we mamo n’amamuko y’ikirangamisi c’Abarundi: Iyinga rigizwe n’imisi itanu yo gukora, umusi w’umweru wo gusenga, hamwe n’Umwaka ugizwe n’amezi 13; harimwo ukwezi kw’igitahamwaka ari na kwo kwaberamwo Umuganuro.

Ubw’icumi na gatatu: Ni we yigishije Abarundi gusenga nya gusenga, gusangira no gusabikanya.

Ubw’icumi na kane: Ni we yahuje abatwara n’abatwarwa, abigisha guhuza umutima n’inama, kuja inama n’ingingo no gutegera ko bari magiriranire.

Ubw’icumi na gatanu: Ni we soko ry’iyerekwa ngenderwako ry’Abarundi: Iteka ry’Uburundi n’abuzukuruza.

Ubw’icumi na gatandatu: Ni we yahishuriwe ishusho ry’Uburundi: Umutima wa Afirika; n’amatazirano nkoramutima y’Uburundi: Igihugu c’Amata n’Ubuki, Icibare c’Imana.

Ubw’icumi n’indwi: Ntare Rushatsi ni we dukesha Intahe yo Kwikukira nyezina kuko Rwagasore yaje ahabuza Intahe yo Kwikukira twari twanyazwe n’abakoroni.

9. Ivyiza NTARE RUSHATSI yakoreye Uburundi ntawobidondagura ngo abimare. Muri make Umuzo wa NTARE RUSHATSI twowugereranya n’umuco watamanzuriye ku Burundi, maze intwaro, ubutunzi n’imibano bifata intumbero nziza.

10. Yakuye Uburundi mu kaja n’akajagari abwinjiza mu mateka n’amategeko, buhinduka Igihugu gifise akaranga n’akarangamutima, imico n’imigenzo ngenderwako; Igihugu c’abagabo b’ijunja n’ijambo bigaba bakigaburira.

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi;

11. Abarundi twaratahuye ko igihugu ari rwacu, dutegerezwa kugikorera ivyo umwana akorera umuvyeyi, tugateramira amahoro n’Intahe yo Kwikukira, tugasenyera ku mugozi umwe, maze ayo mahoro tukayakamisha ibikorwa vy’iterambere.

12. Akuzuye ntibamurika. Uwo ari we wese arashobora kubona ko Abarundi bamaze gutahura iyo bavuye, aho bageze n’iyo berekeza. Ni kwo kuzirikana Igihugu tumaze imisi twigisha Abarundi benewacu.

13. Basokuru barayamaze ngo «Uwugutuka ntagutorera», bongerako ngo: «inkokó y’umweru ikaza kubonwa n’ibisiga». Vyongeye ngo Ukubaho kw’Umuswi si impuhwe z’Agaca. Bazovuga baruhe batebe bamaramare kuko bazoruhira kubona ko bidakunda kubuza izuba kwaka canke imvura kugwa.

  • «Amaso y’ibikere ntabuza abavoma», «Imvura irahinda ntibuza abasenya». Uwudutega imisi canke uwuducira imizi ikuzimu tuzomubwire tuti: «Gobera gobera, uri inkuba nturi Imana! »

    14. Tugiye kubandanya umugambi mwiza wo kuvavanura no gusembera. Inyubakwa z’Inzego n’ibisata bitandukanye zigiye kwubakwa mu gihugu cose. Birashoboka.

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi, Batumire bahire;

15. Turasubiye kwibutsa Abarundi benewacu ko Uburundi turimwo uno musi tubukesha abatuboneye izuba, cane cane ababwitangiye bakagira iherezo ryiza. Reka natwe umwe wese yiyumvire ico yokora kugira asige iragi n’izina vyiza; iherezo ryiza rizobera intango nziza Uburundi bw’ejo.

16. Ntitworangiza tudashimiye cane abatuboneye izuba muri aya mabanga. Turashimiye Imana Mushobora vyose yo yashimye ko iki gihe ciza gishika ari twebwe turamutswa Uburundi, ariko turazi ko Abami n’Abakuru b’Igihugu batwitangiye imbere bakoze vyinshi vyiza.

Iyo bataba baratoreye umuti ibibazo vyari bihanze Uburundi mu bihe vyabo, ntitwari gushobora kwubaka iyi ngoro.

17. Uwuzodukorera mu ngata n’abazoza inyuma yiwe, tubasavye guca bahera aho twahereje, bubake Ikirimba mu kibanza gisigaye, maze iki kibanza kibe Igiseke gishigikiye kandi gishishiriye. Nkako, gutsimbataza Intahe y’Ukwikukira ni uguhozako.

18. Abarundi twese dusabwe kwama twibuka ko turi abo kwa Ntare, tugendere mu makanda ya Ntare, Iyerekwa ryiwe ritumurikire. Aho tuvuye murahazi, aho tugeze murahabona, imbere naho ni heza cane.

19. Tubumbatire amahoro n’umutekano, dutsimbataze ubumwe bwacu maze bitubere isoko ry’iterambere ry’igihugu cacu. Imana y’Uburundi izoca itwuhirira.

20. Dusozereye, tumenyesha ko twinjiye icese Ingoro y’Umukuru w’Igihugu Kwa Ntare Rushatsi. Twashimye kuyinjira mu kiringo co kwinjira Ivyayaranguwe mu kwigina imyaka 57 Uburundi bumaze buhabuje Intahe y’Ukwikukira.

  • Niharambe Ugufashanya kuzira uburyarya.

  • Imana ihezagire Uburundi n’Abarundi.

  • Imana ihe umugisha Uburundi n’Abarundi.

  • Imana izigame Uburundi n’Abarundi.

  • Imana imurikishirize Inyonga zayo Uburundi n’Abarundi.

  • Imana igirire neza Uburundi n’Abarundi.

  • Imana irabe ryiza Uburundi n’Abarundi.

  • Amahoro y’Imana abe mu Burundi no mu Barundi.

  • Izina ry’Imana Mushoboravyose ryame mu Burundi no mu Barundi.

  • Imana Mushoboravyose isambure imigabo n’imigambi mibi yose y’umwansi w’Uburundi n’Abarundi aho yoturuka hose.

Murakoze!