Ijambo rishikirijwe na Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yipfuriza Umwaka mwiza w’ 2020 Abarundi

Ijambo rishikirijwe na Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yipfuriza Umwaka mwiza w’ 2020 Abarundi
1. Turasozereye umwaka w’2019, twinjiye mu mwaka mushasha w’2020. Imana Mushoboravyose yazigamye Uburundi n’Abarundi muri uyu mwaka turangije,ikatuja imbere mu migambi ihimbayey’iterambere twaranguye, nihabwe icubahirokandi yiganze mu Burundi.

2. Turipfurije umwaka mushasha mwiza w’2020 Abarundi mwese aho muri hose, haba mu Burundi canke mu mahanga, tutibagiyeabanyamahanga baba mu Burundi. Uyu mwaka uzobabere umwaka w’amahoro n’imigisha myinshi biva ku Mana, umwakaw’iterambere no gutsimbataza demokarasi ishingiye ku matora y’iteka.

3. Umwaka w’2020, ni umwaka udasanzwe mu buzima bw’igihugu c’Uburundi. Kukaba nkako, ni umwaka Abarundi tuzosubira kwitorera indongozi mu Nzego zitandukanyez’igihugu, mu matora tudakekeranya ko azoba meza cane, kandi y’intibagiranwa mu Mateka y’Uburundi.

4. Turararitse Abarundi bose bakwije ibisabwan’amategeko kuyitaba atawusigaye inyuma, dutore nk’abitorera nk’uko Icivugo c’uyu mwaka mushasha kibishimangira kiti: “Twitorere indongozi n’imigambi nyayo, ni ryo terambere tunyotewe ridukomokako rikongera rikatugarukako”.

5. Dusozereye umwaka w’2019 twishira tukizana, mu mahoro, umutekano n’impore, kandi twawuranguyemwo ibikorwa vyinshivy’iterambere mu bisata bitandukanye.

6. Turahojeje imiryango yabuze abayo kubera ibiza n’isibe vyateye mu mpera z’uwu mwaka urangiye, na cane mu makomine ya Mugina na Ntahangwa. Ntitwokwirengagiza gushimira abenegihugu babandanya kugaragaza umutima wo gushigikirana no gutabarana wamye uranga Abarundi.

Barundi, Barundikazi, Bakunzib’Uburundi;

7. Impera z’umwaka ni igihe co kwirimbura no gufata ingingo zibereye, zidufasha gutera imbere mu mwaka twinjiyemwo. Turashimaivyaranguwe na Reta, ivyaranguwen’abenegihugu ku giti cabo; ivyaranguwen’abagwizatunga, hamwe nivyaranguwe namashirahamwe yigenga.
8. Biragaragara ko Inyigisho zo kuzirikana igihugu zafashije abenegihugu gutegera akamaro ko kwitwararika cane umutekano, kugwiza umwimbu, kwijukira amakoperative gushika ku rwego rw’umutumba, kwitaho amagara yacu n’ibidukikije, no kurangura imigambi y’iterambere yisununuye; imigambi ishingiye kw’iyerekwa rya Seburundi ari ryo: “Iteka ry’Uburundi, n’abuzukuruza”. Abarundi barajijutse, baratahuye ko “Ak’imuhana kaza imvura ihise; kandi ko “Amazi masabano atamara imvyiro”.

9. Ivyaranguwe mu mwaka w2019birashimishije. Vyinshi mwaravyiyumviye mu majambo tumaze imisi dushikiriza nibiganiro tumaze imisi turemesha. Icakoze ku mutima abantu benshi kwabaye ukwinjira iceseIngoro Nshasha y’Umukuru w’igihugu yitiriwe Umwami wa mbere w’Uburundi Ntare Rushatsi Cambarantama. Reka tubacire ku mayange bike muri vyinshi vyaranguwe,ibisigaye muzobishikirizwa ido nido nAbashikiranganji, umwe wese mu bisata ajejwe.

10. Kuva kera na rindi, kw’isi yose, iterambere ryamye rishoboka ahari umutekano. Umutekano ni karahara mu ruganda ntibacura. Muri ico gisata, haranguwe vyinshi kugira umutekano ugumeutsimbatara mu gihugu cose. Harafashwe ibirwanisho vyinshi birimwo inkoho 91, ibisasu ntezwantoke 426 n’amasasu 7.000, harasamburwa n’ibindi birwanisho bikomakomeye 8, hamwe n’ibisasu ntezwantoke 380.

11. Imigwi y’abagizi ba nabi 1.482 yarasambuwe, harafatwa n’abiketswe ko ari inkozi z’ikibi 3.704, amaritiro 324.463 y’inzoga zitemewe n’amategeko araseswa,harafatwa n’ibiyayuramutwe bitari bikeharimwo n’urumogi.

12. Kubera ko Umutekano mu Burundi wifashe neza, tuzobandanya ibikorwa vyo gufasha kugarukana umutekano aho hose uzoba wahungabanye, tubisabwe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU canke Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afirika UA.

13. Kugira tubishikeko, tuzobandanya kwitwarararika Inzego zijejwe kwivuna abansi no gucungera umutekano, zibe koko inzego zikwije, zikomeye, zifise ubushobozi bwo guhangana n’uwo wese yohirahira akazihangara, Inzego zirangwa n’ubwenge, ubumenyi, ubuhinga n’ubukerebutsi kandi zijanye n’ibihe.

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi;

14. Iruhande y’amahoro n’umutekano bituma Igihugu cacu kiba nyabagendwa kandi kigahurumbirwa n’amakungu, Ubutungane bwiza butunganiriza bose ni imwe mu nkingi zIteka nItekane vyigihugu. Mu mwakaw2019, imanza z’amatongo zaciwe zarashizwe mu ngiro zose, bituma umubano hagati y’abenegihugu uba mwiza. Hagati mugihugu, ubutungane bwarabandanije guhagararira inyungu z’igihugu, imanza zishika 688 ziracibwa, amahera ashika imiriyaridi mirongo ine (40.000.000.000BIF) arinjira mu kigega ca Reta.

15. Hanze y’igihugu na ho, muri Sentare yo mu Muryango w’Ibihugu vyo muri Afirika y’Ubuseruko (EAC), Reta y’Uburundi yaratsinze urubanza rwemeza ko ukwitoza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu mu mwaka w’2015 kwakurikije amategeko, iremeza kandi ko ihagarikwa ry’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike amwe amwe ata tegeko na rimwe ryahonyanzwe.

16. Mu gisata co kurwanya igiturire n’ayandi mabi agikomokako, Umugambi wa kabiri wo kurwanya igiturire n’ayandi mabi agikomokako uriko uraherahezwa, amadosiye 220 yarashikanywe muri Paraki nkuru ya Sentare irwanya igiturire, amaheraarenga 628.000.000 arinjira mu kigega c’igihugu.

17. Amahoro ntiyosasagara mu gihe Abantu borara batubitse umukanda. Nkako, “Mu nda harara inzara hakazinduka inzigo“. Ni co gituma Reta yateguye imigambi yo kugwiza umwimbu kugira turwanye inzara. Muri iyo ntumbero, ihinguriro rishasha ry’intabire FOMI ririko rirakora bishimishije, rikaba ryahinguye amatoni arenga 54.000y’intabire n’amatoni arenga 10.600 y’ishwagara. Reta ikaba yaraterereye kugira abenegihugu baronke intabire ku giciro kitavuna.

18. Mu bijanye n’ubworozi naho haratanzwe inka za kijambere 3.800, impene 38.376, ingurube 15.428, inkoko zirenga 80.000, n’ibindi. Igisata co kworora amafi kikaba na co nyene carateye imbere.

19. Mu bijanye n’ibiterwa njabukamazi, himbuwe amatoni 10.803 y’icayi, ayashika 10.366 aragurishwa amadorari 22.457.469. Himbuwe kandi amatoni 19.187 y’ikawa, hashorwamwo amatoni 18.332 ku madolari 47.433.656. Iki gisata kikaba kiriko kiranagurwa kugira umwimbu n’amaherampuzamakungu vyiyongere kandi abarimyi b’ico giterwa baronke akarusho kisununuye ku mwimbu baba baronse kandi batarinze gutama.
20. Ikindi co gushima ni uko Reta yakomōjeamatongo ashikana hegitari 4.500 yari yihagiwe n’abantu n’amashirahamwe, ubu akaba agiye kurangurirwamwo imigambi ya Reta n’ibikorwa vy’amakoperativey’abenegihugu.

21. Mu gisata c’ibidukikije, imivyaro y’ibiti n’iy’ivyamwa irenga 52.000.000 yaratewe muri wa mugambi w’igihugu « Ewe Burundi Urambaye ». Umusi wa kane wo mu ndwi ukaba wahariwe ibikorwa vyo gukingira ibidukikije mu gihugu cose.

22. Mu gisata c’inkino n’akaranga, Uburundi bwaraserukiwe mu nkino mpuzamakungu zitandukanye. Bwabaye ubwa mbere Intamba mu Rugamba zironka amahirwe yo guserukira Uburundi mu nkino za nyuma zo guhiganirwa Igikombe c’Ibihugu vya Afirika mu mupira w’amaguru. Umugwi w’Igihugu w’abasiganwa mu mazi waratahukanye imidari 12 harimwo imidari 4 y’inzahabu. Eka nimigwi ya Judo na Karate yaratahukanye imidari nibibanza vyiteka mu nkino mpuzakarere no mu nkino mpuzamakungu.Uburundi bwararungitse n’imigwi ndangakaranga mu mahiganwa Mpuzakarere nayo nyene irashimisha abaje kuyirorera.

23. Kugira abenegihugu boroherwe mu kurangura imigambi yabo, haratangujweibikorwa vyo kwubaka ingomero z’umuyagankuba   ku nzuzi za Jiji-Mulembwe na Ruzibazi. Ibikorwa vyo kwubaka ingomero zumuyagankuba za Mpanda, Kaburantwa, Ruzibazi na Kirasa; hamwe ningomero zumuyagankuba mpuzakarere za Rusumo na Ruzizi ya gatatu, co kimwe nUmuyagankuba ukomoka ku zuba, ku Mubuga bizobandanya.

24. Umuyagankuba dusanganywe warakwiragijwe mu micungararo y’igisagara ca Bujumbura nko mu Kiyange, Tenga, Gatunguru, Maramvya, Buterere, Kajaga na Gihanga. Umuyagankuba uzogendawongerezwa no hagati mu gihugu, kugira ufashe abarangura ibikorwa bisaba umuyagankuba.

25. Igisata c’ubutare n’agataka carateye intambwe ishimishije cane. Umwimbu wiyongereye ku bice 32%. Nkako, mu gihe ico gisata cari cinjije amadorari yAbanyamerika yababa imiriyoni 59 mu mwaka w2018, mu mwaka w2019 cinjije amadorari yAbanyamerika yababa imiriyoni78.

26. Iyindi nkuru nziza muri ico gisata ni uko Ubutare bwa Coltan nubutare buyiherekeza bwo muri Komine Marangara buzotangura kwimbwa mu mwaka buca dutangura, mu gihe ibikorwa vyo kumenya urugero rwubutare bubarizwa kuri Waga, Nyabikerena Mukanda bizosozerwa mu mwaka buca dutangura.

27. Igisata kijejwe amakori n’amatagisi kibandanya gitera imbere nkumuzinga. Mumwaka w2019, ikigo OBR cari citezegutororokanya amahera yababa imiriyaridi808. Ayo mahera yararenze kure niyo, kuko hatororokanijwe ayarenga imiriyaridi 990.Tugereranije numwimbu wo mu mwaka w2018, uno mwaka habonetse akarusho kababa imiriyaridi 153; ni ukuvuga hafi ibice 20% vyiyongereye.

28. Turashimiye Imana yUburundi yama iduha ibirengeye ivyo twayisavye, kandi turakeje abarongoye ikigo kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi, tutibagiye abakozi baco ku mwete nubwira badahengeshanya kugaragaza.

29. Mu gisata c’amagara y’abantu, harubatswe ibitaro vya Reta vya Musenyi, Gatumba na Giko, amavuriro 69, amavuriro yubatswe mu bikorwa rusangi 37, ibitaro vy’abigenga n’amashirahamwe y’abigenga icenda.

30. Harasanuwe ibitaro vy’akarere ka Kiganda, ibitaro vy’i Gitega n’amavuriro mato mato 11. Haruguruwe kandi ihinguriro rizokora imiti y’ubwoko bushika 100, amaherampuzamakungu yahora agura imiti hanzeakazoca agabanuka, n’igiciro c’imiti ikorewe ngaha kikazogabanuka.

31. Twariteguriye guhangana n’ingwara z’ibiza n’ayandi masibe nka Ebola, haratangwa n’imisegetera ishika hafi 7.000.000 hongera haratanguzwa umugambi w’ubushakashatsi w’igiterwa ca Cather gishobora gufasha gukinga imibu. Abaremeshakiyago 7.307 bahurikiye mu mashirahamwe bararonse ibikoresho vyo kwigisha, haratangwa n’amapikipi 290.

32. Mu bijanye n’indero, harabaye utwigoro twinshi two kugarukira indero n’inyigisho mw’ihangiro ryo kunagura indero kavukire ishingiye ku mico kama y’abarundi, inyigisho z’akanovera kandi zijanye n’ibihe. Ico gikorwa ciza kirabandanya. Dusavye Abarundi bose, ababa mu Burundi no hanze y’igihugu kugira rwabo ibibazo vy’indero n’inyigisho.

33. Muri ico gisata nyene, abana barenga 67.000 bo mu mashure 69 yo mu ntara za Muyinga na Kirundo baragaburiwe kugira ntibacire hagati amashure kubera inzara. Abigisha bashika 2.800 nabo bararonse akazi.

34. Mu ntumbero yo guteza imbere igisata c’inyigisho za Kaminuza, umugambi wa Reta wo gukwiragiza mu gihugu hagati ibigo vya Kaminuza y’igihugu hisunzwe akaranga k’intara uriko urashirwa mu ngiro.

35. Mu bijanye n’akazi, umugambi wo kugabanya ubusumbasumbane bw’imishahara ugeze ku rugero rushimishije, haratangwa n’akazi ku bigisha n’abavūzi.

36. Mu bijanye n’ibikorwa vya Reta, ibikorwa vyo kwubaka no gusiga kaburimbo amabarabara makuru makuru n’amabarabara yo hagati mu gihugu vyarabandanije, ayo mu bisagara bimwe bimwe na yo arashirwamwo amabuye.

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi ;

37. Muri uyu mwaka dutanguye, ivyo twimirije kurangura ni vyinshi:

   

Mu ntango z’uno mwaka, abarimyi n’aborozi bahora batama mu kuronswa ingurane bagiye kwiruhutsa. Ibanki y’Uburimyi n’Ubworozi igiye gutangura ibikorwa, kandi Reta izoba iyifisemwo umutahe mu ntumbero yo guhagararira inyungu z’abenegihugu. Akarusho kazanywe niyo banki, ni inyungu zitavuna kubasaba ingurane ugereranije nayandi ma banki. Akandi karusho ni uko iyo banki itazosaba ingwati abarimyi naborozi nkuko ayandi ma banki asanzwe abikora. Turakeje abagwizatunga bayiyumviriye, twongera dutera akamo abandi bagwizatunga ngo bahurumbire kurusha igisata c’uburimyi n’ubworozi wo mushinge w’iterambere.

Tuzobandanya inyigisho zo kuzirikana no gukunda igihugu mu ntara zisigaye nibisata bitandukanye.  

Mu kwezi kwa Rusama Tuzokwitorera indongozi zacu;

Tuzobandanya kwubaka ingomero z’umuyagankuba;

Tuzonagura igisata c’ikawa, icayi nibindi biterwa njabukamazi;

Tuzobandanya guhangana n’ihindagurika ry’ibihe mu gutera ibiti vyinshi mu gihugu cose no ku nkengera z’ibiyaga n’inzuzi muri wa mugambi Ewe Burundi Urambaye“;

Tuzoshigikira amakoperative yo ku mitumba yose y’igihugu;

Tuzobandanya kwigisha urwaruka kurwanya ubunebwe no gukingira imico kama yacu;

Tuzorwanya twivuye inyuma urudandazwa rwo mu binywabi n’ingeso mbi y’igiturire no gusesagura itunga rusangi;

Tuzocungera kurusha imbibe zUburundi twongere dukomeze imigenderanire no gufashanya.

Tuzobandanya kwifatanya namakungu mu kurwanya imigwi yiterabwoba.

Tuzoshinga nibanki yabakenyezi.

Nibindi, nibindi…

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi;

38. Imbere yo gusozera, ngizi impanuro twipfuza ko mwogira impamba mu mwaka w2020:

Ubwa mbere: Twige kwitegurira imigambi y’iterambere no kumenya gusuzuma aho tugejeje ibikorwa, tukamenya ko tugenda dutera imbere, ko tutava aho turi canke dusubira inyuma, tukamenya n’intambamyi yavyo kandi tukazikura mu nzira.

Ubwa kabiri: Twame twitwararika kutarera amaboko, tumenye na ntaryo ko iterambereritizana ariko rironderwa, kandi ko dutegerezwa kurya ivyo twabiriye akuya, ata kurya imitsi abandi.

Ubwa gatatu: Twime amatwi abakwiragizaibihuha, amarementanya; twame dutandukanya icatsi n’ururo, kuko mu gihe c’amatora havugwa vyinshi bishobora guhahamura abafise imitima ihuha.

Ubwa kane: Twirinde ugukumirana gufatiye cane cane ku migambwe, kandi abakuru b’imigambwe, abajejwe intwaro, abajejwe umutekano   n’abajejwe ubutungane bagaragaze ubuhizi nubutungane muri uru rugendo turimwo rwo gutsimbataza demokarasi.

Ubwa gatanu: Twirinde gusesagura itunga ry’igihugu, twitwaza ko tutazi ico tuzoba inyuma y’amatora, twame twibuka ko amatungo y’igihugu atari icibare cacu, ko ari nyabuna umurima wisangi.

Ubwa gatandatu: Abarongoye imigambwe batsimbataze discipline mu banywanyi babo, imigambwe ihiganwe idahiga kandi idahezanyayo, abanywanyi bayo bamenye ko bose ari Abarundi basangiye ugupfa n’ugukira, basangiye impetso imwe ari bwo Burundi bwacu.

Ubwindwi: Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike n’amashengero bigishe abantu babo akamaro k’amatora meza kandi ko umuntu wese atora ico ashatse ata gahato.

Ubwumunani: Kudasesagura ubutunzi bw’imiryango yacu no gucungera umutekano w’aho tubaye, cane cane muri iyi misi mikuru isozera umwaka.

Ubwicenda: Twame twibuka kandi tuzirikana ko ico tuzoba canke uko tuzovugwa muri kazoza bizova ku co tumariye abandi uyu musi.

Ubwicumi: Twiteho kuruta indero y’urwaruka kuko izija guhona zihera mu ruhongore.

Ubwicumi na rimwe: Urwaruka turusaba kutajana nyabahururu, rwirinde kugenza itima, rugishe inama abarukurira na kare “Ishami rishashaye gushurika ryubaha imizi.

Ubwicumi na kabiri: Amahoro ni kamwe gahara mu ruganda ntibacure, umurundi wese ategerezwa kuyateramira aho ari hose, kuko mu gihe tugezemwo dukeneye amahoro mazima atari amahorerane.

Ubwicumi na gatatu: Zina Murundi wese ategerezwa kuzirikana na ntaryo iyerekwa rya Ntare Rushatsi ari we Seburundi, akarigira inzira nimpamba muri vyose na hose. Bisigura ko Abarundi dutegerezwa kugwanira Iteka ryUburundi nabuzukuruzabacu, kandi tugashira imbere Imana mu migambi nimigabo yacu yose.

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi ;

39. Ikituraje ishinga uno musi, ni uko twese twokwumva ko tugize igihugu kimwe, ko turi bene mugabumwe, ko dusangiye ugupfa n’ugukira, maze abana bacu bagakurira mu Burundi bwiza, butekanye, buteye imbere ;bagakurira mu gihugu kirimwo umwizero wo kubaho, igihugu cubashwe kandi cakaroruhore.

40. Hasigaye igihe gito ngo tuje mu matora. Umugwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI uri ku kivi, wama udushikiriza ingene ibikorwa biriko biragenda, kandi turashima ko bigenda neza.  Murazi ko ari mwebwe nyene mwunganiye Reta mu kwegeranyauburyo bukenewe, kandi nabahinga bo kuyategura bava muri mwebwe. Nimwitegurire rero kuyitaba muri benshi kandi mutekanye.

Barundi, Barundikazi, Bakunzib’Uburundi ;

41. Mu ntumbero yo gusasagaza amahoro, iteka n’itekane mu gihugu, twisunze Ingingo y’114y’Ibwirizwa Shingiro, turagiriye Ikigongwe abakatiwe gupfungwa imyaka itarenga itanu, Abakenyezi bibungenze n’abonsa, abagendana ubumuga bugaragara, abamazemu mvuto ica kabiri c’ikiringo bakatiwe.Ikigongwe kuri abo bose tudondaguye cisunga uburemere bw’ivyaha bagirizwa n’inyifato yabo mu mabohero barimwo.

42. Mu gusozera, Turasubiye kuremeshaAbarundi n’amakungu ko amatora azogenda neza cane gusumba ayo tumaze gutunganyayose, Imana Mushoboravyose ni yo Cabona.

43. Tukaba turangije dusubira kubipfuriza mwese umwaka mwiza w’2020, uze ubabere umwaka w’amata n’ubuki mu banyu no mu vyanyu, umwaka ubarutira muri vyose na hose imyaka yose mumaze kubaho.

Imana ihezagire Uburundi n’Abarundi.
Imana ihe umugisha Uburundi n’Abarundi.
Imana izigame Uburundi n’Abarundi.
Imana imurikishirize Inyonga zayo Uburundi     n’Abarundi.
Imana igirire neza Uburundi n’Abarundi.
Imana irabe ryiza Uburundi n’Abarundi.
Amahoro y’Imana abe mu Burundi no mu Barundi.
Izina ry’Imana Mushoboravyose ryame mu Burundi no mu Barundi.
Imana Mushoboravyose isambure imigabo n’imigambi mibi yose y’umwansi w’Uburundi n’Abarundi aho yoturuka hose.
Tubipfurije Umwaka muhire, umwakawamata nubuki.

Murakoze!