Nyenicubahiro Ndayishimiye arashima ubukerebutsi bw’abakenyezi-birimizi

Nyenicubahiro Ndayishimiye arashima ubukerebutsi bw’abakenyezi-birimizi

Mu ntumbero yo guhimbaza umusi mukuru wahariwe umukenyezi-mwirimizi, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yakiriye, kuri uyu wa kane ku kirimba c’Umukuru w’Igihugu citiriwe Ntare Rushatsi, umupfakazi wo mu ntara ya Bubanza azwi kw’izina rya Sindayihebura Rose yabaye intwari mu bikorwa arashobora gutunga neza umuryango wiwe.

Uwo mukenyezi Sindayihebura Rose yaronkejwe inka muri wa mugambi PRODEFI mu mwaka wa 2012 mu nyuma yo gupfakara mu mwaka wa 1998. Iyo nka yamubereye umugisha ku buryo yashoboye kuriha amashure y’abana biwe batatu, abahungu biwe babiri bakaba bamaze kuronka impapuro z’umutsindo wa kaminuza.

Umugambi wiwe wo kurima no kworora arangurira ku musozi wa Gahwazi muri komine Mpanda, waragutse akaba yorora n’ingurube, mbere akaba yaratanze n’akazi ku bungere bane barihwa amafaranga150.000 ku kwezi ku kwezi.

Si vyo gusa ! Umupfasoni w’imyaka mirongo itanu n’itandatu Sindayihebura Rose yarashoboye kwiyubakira inzu ikomeye, arava muri nyakatsi, none ageze ku rwego rwo kubakira n’abagenzi biwe ba ntahonikora, mu ntumbero yo kubashimira ku kuntu babanye neza mu mahoro imyaka cumi yose.

Umukuru w’igihugu cacu Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yumvirije uko yagiye arabaho yatangariye ubwo butwari, aca aramwemerera ibikoresho vyo kuvomera imirima yiwe. Yamwemereye kandi kumurihira abungere bane asanzwe akoresha, kugira ngo kabe akaryo keza kuri uwo mupfasoni Sindayihebura ko kuziganya.

Nyenicubahiro Ndayishimiye yamwemereye ko amazi meza agiye kumushikira vuba. Akaba yasubiye inyuma akanyamuneza kamusya.