Umukuru w’Ihihugu atanguje icese ibikorwa vyo kwubaka ikigo co gupima coronavirus muri Komine Gihanga

Umukuru w’Ihihugu atanguje icese ibikorwa vyo kwubaka ikigo co gupima coronavirus muri Komine Gihanga

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yagendeye, kuri uyu wa gatanu, komine Gihanga iri mu ntara ya Bubanza aho yatanguje icese umushinge à ikigo kizofasha mu mugambi ubandanya mu gihugu cose wo gupima no kuvura abarwayi b’umugera wa coronavirus.

Umukuru w’igihugu cacu yagarutse ku bumara bw’ico kiza gihanze isi. Ati ni muri iyo ntumbero Reta yafashe iyambere mu kurwanya ico kiza Covid-19, ico yise umwansi wa mbere w’abantu.

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye Evariste yibukije Abarundi kutijajara, mu kukirwanya iyo cozanana hose. Ati ni co gituma hagomba kwubakwa izo nyubakwa zo gupima no kuvura abarwayi b’uwo mugera.

Sebarundi yaciye yibutsa kandi abari aho ko atanguje iyo nyubakwa mu ntumbero yo gushitsa isezerano yari yabemereye ryo kwubaka ibitaro mw’ikomine zose zigize igihugu. Yaciye agenda atanze ibikoresho vyo kwa muganga vy’agaciro kangana miriyoni 200 z’amafaranga y’abarundi agenewe amavuriro atanu yubatswe muri iyo komine ya Gihanga n’abenegihu mu bikorwa rusangi, na yo akaba ari Ruce, Amahoro, Zina, Buhurika na Rugeyo.

Muri iyo komine ya Gihanga nyene, Umukuru w’igihugu cacu yagendeye ubwororero bw’inka za kijambere bw’ishirahamwe « Life Way Company » ryegukira uwitwa Ndangamira Prosper . Iryo yororero rije rifise akarusho ko gutegura, kubika no guhingura amata n’ibindi biva mu mata bisunze urugero rw’akanovera ruzwi ku rwego mpuzamakungu. Iryo yororero riri ku musozi wa Buringa rikaba rifise inka 300, beneryo bafise intumbero yo gushika ku nka 1000. Ubu iryo yororero rikaba rikoresha abakozi 350.

Urwo rugendo rw’Umukuru w’Igihugu rero rufise intumbero yo guhimiriza no gukangurira abagwizatunga gushira imitahe yabo mu migambi yagutse ishobora gutanga akazi kuri benshi, imigambi izana akarusho mu buzima bw’abenegihugu kugira ngo umwimbu ugwire mu burimyi n’ubworozi Nkurikiye vyamenyeshejwe na Sebarundi ubwiwe.