Umukuru w’Igihugu ahamagarira Abarundi gutsimbataza amahoro n’imigenderanire

Umukuru w’Igihugu ahamagarira Abarundi gutsimbataza amahoro n’imigenderanire

Umukuru w’igihugu cacu Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste ari kumwe n’umutambukanyi wiwe n’izindi ndongozi yifadikanije n’abakirisu bo muri Paruwase Mutumba mu ntara ya Bujumbura, mu gisabisho co kuri uyu w’Imana.

Inyuma y’inkuka y’imisa,Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye Evariste yakengurukiye Nyenubweranda Papa Francis ku butumwa yarungitse bugasomwa mu maparuwase katolika yo kw’isi yose, Kuko nk’uko biri Imana iri mu ruhande rw’abarundi mu kubakingira ikiza coronavirus. Umukuru w’Igihugu yasavye abarundi kubandanya basenga Imana Mushoboravyose banabandanya kwubahiriza ingingo zafashwe mu kwikingira ico kiza.

Umukuru w’Igihugu yashimiye kandi abakirisu ba Paruwasi Mutumba bo bamufashije mu bihe bigoye igihugu caciyemwo mu gihe co kurwanira guhabuza intwaro ya demokarasi yari yaciwe umutwe n’abatembagaje ubutegetsi mu mwaka wa 1993.

Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yahimirije abarundi kuguma bunze ubumwe no gutsimbataza imigenderanire yabo bishimikije ijambo ry’Imana rizonabafasha gutsimbataza amahoro Imana yahaye abarundi.

Umukuru w’igihugu yasozereye asaba abakirisu ba Paruwase Mutumba kumushigikiza igisabisho kugira ngo bikunde arongore neza igihugu.

Yaciye atanga imifuko 100 y’isima mu bikorwa vyo kwubaka biriko birangurirwa muriyo paroisse.