Umukuru w’Igihugu yabonanye n’abaserukira amashengero y’abaporoti

Umukuru w’Igihugu yabonanye n’abaserukira amashengero y’abaporoti

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 19 Gitugutu 2020, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito NDAYISHIMIYE yabonanye mu mwiherero n’abaserukira Inama y’Igihugu y’amashengero mu Burundi, Ihuriro ry’amashengero rukristo mu Burundi, Urunani rw’amashengero mvugabutumwa mu Burundi, hamwe n’Ishengero rya Pentekoti mu Burundi.

Nyenicubahiro NDAYISHIMIYE yamenyesheje ko intumbero y’uwo mubonano ubaye uwa mbere kuva ashikiriye amabanga yo kurongora Uburundi, ari ukuyaga ku bijanye n’uruhara n’intererano zabo nk’indongozi, mw’iterambere ry’igihugu, kwigisha ibijanye no gukunda igihugu, no gukomeza ubumwe bw’abarundi.

Abo barongozi b’amashengero bashimye ugukorana neza kwibonekeza hagati ya Reta n’amashengero akorera mu Burundi, bagashima kandi imigambi irangurwa na Reta y’Uburundi mu ntumbero yo kunagura imibereho y’abenegihugu, na cane cane mu gisata c’ubutungane, mu mugambi wo gushiraho intahe zo ku mugina, kurwanya igiturire n’ubushomeri bw’urwaruka, hamwe no kugwanya ikiza ca korona. Bamenyesheje ko barajwe ishinga n’igiturire kicibonekeza mu bantu, ingorane z’uburaro, gukingira ibidukikije n’ikibazo c’amabarabara, n’ibindi.

Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Varisito NDAYISHIMIYE yahamagariye izo ndongozi z’amashengero kumenya uruhara babwirizwa kugira mu bijanye no gukomeza ubumwe n’umubano mwiza mu barundi, bahereye mu gutorera inyishu amatati akunze kwibonekeza mu mashengero yabo, ayo matati akaba ari nayo akunze kuba intandaro y’ihungabanywa ry’amahoro n’umutekano mu bantu.

Vyongeye, Sebarundi yabasavye gushigikira Reta mu gutanga inyigisho zijanye no gukunda igihugu ku bayoboke babo, kugirango abarundi bose batahure ko bagize umuryango umwe, urongowe ku rwego rwo hejuru na Reta, kugirango uwariwe wese, ku bimwerekeye, amenye uruhara rwiwe, ku neza y’igihugu.

Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu yahamagariye kandi izo mboneza mu mashengero kwijukira kugira imigambi y’iterambere, no guhimiriza abo barongoye kwama bitaho ibikorwa vy’iterambere ry’igihugu, batibagiye kurwanya amacakubiri.