Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye yiyemeje guhagarara neza mu rugamba rwo Kurwanya ubukene

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye yiyemeje  guhagarara neza mu rugamba rwo Kurwanya ubukene

Mu guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe gufungura neza, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yishikiye i Mutaho mu ntara ya Gitega aho yifadikanije n’amakoperative mu gutera ibigori mu kigo c’akarorero cafashwe nk’ishure-ndimo c’i Nyabisaka.

“Reta mvyeyi- Reta Nkozi ntituzohemuka umunwa wose utaronse ico ufungura, umufuko wose udafise amafaranga nyenewo yikorako”, uko ni ko Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yabanje kubwira abitavye ivyo birori vyabaye ku civugo ngo “Twese hamwe tugwize umwimbu mu buryo burama, umuntu wese aronke ico afungura », amenyesha ko ihangiro ari uguhangana n’ubukene.

Ico kigo c’i Nyabisaka kiri kuri hegitari 25 kikazoba ishure-ndimo. Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bukipfuza yuko ku misozi yose ihegereye botunganya imirima yabo bisunze ako karorero.
Umukuru w’igihugu cacu yaciye amenyesha ko atanguje icese irima ry’agatasi.

Hari igisata cagenywe kuzokurikirana neza ibijanye n’ico kigo c’akarorero, bakaba bategekanya kuhubaka ububiko bunini n’ihinguriro ry’umwimbu bazohakura.

Umukuru w’igihugu cacu yaciye abanza gutanga ibikoresho ngaho ku makoperative yakoze gusumba ayandi. Na vyo ni amasuka, ibipawa,ibi ones hi hamwe rero n’imbuto z’imboga.

Mw’ijambo yashikirije, Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yagarutse ku ntumbero ya Reta mvyeyi na Reta Nkozi.

Ati uyu musi mpuzamakungu tuwuhimbaje mu gihe igihugu cateye intambwe ikomeye mu bijanye no kurwanya ubukene. Ati turateye intege ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, abenegihugu ubwabo hamwe n’abagwizatunga ku nguvu bashize hamwe muri ico gisata. Yaciye yibutsa abo bose bakorera muri ico gisata kugira rwabo wa mugambi w’iterambere ry’uburimyi n’ubworozi Reta iherutse gushira ahabona.

Umukuru w’igihugu yemeye ko Reta arongoye izobandanya gutanga umwavu ku giciro kizimbutse, guca imikobeko, gutanga imbuto n’ibitungwa birobanuye n’ibindi; ivyo vyose mu ntumbero y’uko umwenegihugu yofungura neza.
Yanasavye indongozi gutunganya imirima y’akarorero mu makomine no mu ntara zose zigize igihugu.

Umukuru w’igihugu yaneguye ariko Abarundi bamwe bamwe bafashe umugenzo mubi wo kumarira kw’isoko ivyo amagara yabo yari akeneye, birimwo intanganguvu, indemamubiri, na nsanganyangaburo. Yabibukije ko “agatu k’amagara kadatwarwa n’uwufyina”.

Yaciye atangaza ko kw’ivuriro ryose riri mu gihugu hagiye gushirwaho igisata co kwigisha ibijanye no gufungura neza ku neza y’abavyeyi n’abana.

Uwo musi mpuzamakungu wahariwe gufungura neza usanzwe uhimbazwa kw’igenekerezo rya 16 Gitugutu urongowe n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’ibigungurwa FAO. Iryo na ryo rikaba rihimbaje imyaka 75 rimaze mu bihe bigoye aho isi ihanganye n’ikiza Covid-19.